Indirimbo Zikundwa Open in the app

#531

Inzamba y’uhoraho yarasemereye

Umuco 2

Couplet 1

Inzamba y’Uhoraho yarasemereye, itubwira ko n’aho ari mw’ijoro, ntibibuza kw’ab’Imana bahamagarwa, kuk’Urubanza rw’Ubukwe rwegereje.

Refrain

Nimuze dutond’ Urugamba ku Musozi, Yemwe mwa Bahizi b’Imana, kuko tugiye kujabuka Yorodani, Turagw’ Ivyasezeranywe; Rab’igihe kirarangiye bene Data, none ni muze twitegure.

Couplet 2

Iyo Nzamba n’ubu irabandany’ ivuga, imurikir’ Ishengero ry’Imana Yera. Kuko rab’igiye kuva ku Ntebe y’Ubuntu, n’Ishengero Ryayo rigenda ritunganywa.

Refrain

Nimuze dutond’ Urugamba ku Musozi, Yemwe mwa Bahizi b’Imana, kuko tugiye kujabuka Yorodani, Turagw’ Ivyasezeranywe; Rab’igihe kirarangiye bene Data, none ni muze twitegure.

Couplet 3

Vavanura rero n’akamenyero kabi, urondere mu Nyonga z’Uhorah’ Imana, gushika n’ah’uzohurira na Yo mw’Ijambo, ubashe gutonda Urugamba nk’Umuhizi.

Refrain

Nimuze dutond’ Urugamba ku Musozi, Yemwe mwa Bahizi b’Imana, kuko tugiye kujabuka Yorodani, Turagw’ Ivyasezeranywe; Rab’igihe kirarangiye bene Data, none ni muze twitegure.

Couplet 4

Rek’amajambo y’imburakimazi ncuti, hindukir’ ureke n’ibikorwa vy’ubupfu. Eh’Umurima wa Data ureze vy’ukuri, nyaruk’ugende mw’Isarura hakibona.

Refrain

Nimuze dutond’ Urugamba ku Musozi, Yemwe mwa Bahizi b’Imana, kuko tugiye kujabuka Yorodani, Turagw’ Ivyasezeranywe; Rab’igihe kirarangiye bene Data, none ni muze twitegure.

Couplet 5

Igihe kirihuta, s’igihe nk’ibindi, s’igihe co gukwegana n’ingeso zawe, wibaza yuko ziri mu kugomba kw’Imana. Hageze kw’imbuto wama, zij’ahabona.

Refrain

Nimuze dutond’ Urugamba ku Musozi, Yemwe mwa Bahizi b’Imana, kuko tugiye kujabuka Yorodani, Turagw’ Ivyasezeranywe; Rab’igihe kirarangiye bene Data, none ni muze twitegure.

Couplet 6

Ab’iki gihe baronony’Ijambo ry’Imana, n’abipfuza kwizer’ Ukuri ntibakubone. Ariko mumenye yuko Inzira ar’imwe, n’Umukiza n’umwe, ni We Yesu Kristo.