#530
Umwami Yesu arikw’arasozera
Umuco 2
Couplet 1
Umwami Yesu arikw’ Arasozera, Igikorwa Yitangurij’ Ubwiwe, kukw’arikw’ arinjiz’ ihanga ryiwe, mu ntambwe ya nyuma yo gutunganywa, intambwe yo gutunganywa rwose.
Refrain
Nimuze twihanganire gutozw’ indero nziza, kuko nimb’ Ijambo ridukangira, Ni ku bw’ineza yacu... Kuko hanyuma bizotwamir’ Imbuto, zizan’ amahoro zo Kugororoka.
Couplet 2
Akeneye kwishikiriz’Ishengero, Ar’iryera nk’uko na W’ar’Uwera; kuko Yitanze cane kubw’Ishengero, Umwam’ Arikeneye ritunganye, maz’Ubukwe buce butangura.
Refrain
Nimuze twihanganire gutozw’ indero nziza, kuko nimb’ Ijambo ridukangira, Ni ku bw’ineza yacu... Kuko hanyuma bizotwamir’ Imbuto, zizan’ amahoro zo Kugororoka.
Couplet 3
Twebw’abamaze kugirirwa Ubuntu, muze twirinde ntitubwanjanjweko, Dutumbere Yesu We nyene gusa, Ni We nyanduruko yo Kwizera kwacu, kandi ni We Yagusozereye.
Refrain
Nimuze twihanganire gutozw’ indero nziza, kuko nimb’ Ijambo ridukangira, Ni ku bw’ineza yacu... Kuko hanyuma bizotwamir’ Imbuto, zizan’ amahoro zo Kugororoka.
Couplet 4
Kubw’ivyiza vyinshi twashizwe imbere, Dukwiye kwihanganir’ umusaraba, kuko tur’ubura bw’Imana Yera, na Yes’Ubwiwe Yarawihanganiye, Ni We Yaduciriy’iyo nzira.
Refrain
Nimuze twihanganire gutozw’ indero nziza, kuko nimb’ Ijambo ridukangira, Ni ku bw’ineza yacu... Kuko hanyuma bizotwamir’ Imbuto, zizan’ amahoro zo Kugororoka.
Couplet 5
Ibisigaye bene Data bakundwa, Dukwiye kugiriranir’ amahoro, kand’ amahoro yac’amenywe na bose. Maze twitegan’ umunezero mwinshi Ukuza kw’Umucunguzi wacu.