Indirimbo Zikundwa Open in the app

#520

Yesu Kristo yasiz’ibimenyetso

Umuco 2

Couplet 1

Yesu Kristo Yasiz’ ibimenyetso, bizorang’ abazoba bizeye, bazuzura imbizi z’amazi, y’Ubugingo bw’Imana budashira; {Umwami w’abami Agira aze, Aze kutujan’iyo mw’Ijuru, Azoz’afis’ ingero mu minwe yiwe, Agerer’ umwe wes’ivyo yakoze.} x2

Couplet 2

Igihe tugezemwo n’ic’iherezo, kandi n’igihe ciza ku bizeye, Abavugishwa baragihahamiye, bipfuza kumenya nez’ivy’ako Gakiza;

Couplet 3

{N’amahirwe menshi ku Mukristo, az’uwo yizeye maz’akayoboka, Umwami w’Abera ni Yagaruka, Azomwambik’ Igitsibo c’Ubugingo.} x2

Couplet 4

Isirayeli ihanzw’ amaso, n’abanyamahanga b’isi yose, ico naco ni kimwe mu bimenyetso Umwami wacu Yasigiy’ Ishengero; {Isi n’amadini vyahagurutse, bagwanir’ umugwa Yerusalemu, bipfuza gusengera mu gisagara, arikw’ Ijambo Ryera barihakana.} x2

Couplet 5

Umuco n’umwiza ntibivangwa, Ukuri kwama gutsinda ikinyoma, ivyo bizosohora kugira ngo Satani yironker’ icicaro; {Ko bimeze birtyo ga bene Data, Dukorer’ Agakiza twaronse, Databuja wacu ni Yagaruka, Az’asange twabay’ Abizigirwa.} x2