#519
Nzokwama Mwami nizigiye
Umuco 2
Couplet 1
Nzokwama Mwami nizigiye, kurongorwa n’Ubuntu bwawe, kuko ni vyo gusa bifise ikimazi gikomeye cane. Nzokwama Mwami ngushimira ku Buntu Bwawe Wangiriye; Nar’umunyavyaha ruhebwa, none Wangiriy’ Ubuntu bwinshi.
Refrain
Nzokwama Mwami nizigiye Uhoraho Imana yanje, kuk’uwo ni We Nkinzo yanje, mu bizonshikira vyose.
Couplet 2
Kand’ewe Man’ur’ Urukundo, ndetse ni naco cagutumye, Ungirir’ubwo Buntu bwinshi, Untora nari narazimiye, ko Wanzanye mw’Ihanga ryawe; Reka rero mbigushimire, n’ibindi vyiza Wangiriye, nshoboza kwama mbigushimira.
Refrain
Nzokwama Mwami nizigiye Uhoraho Imana yanje, kuk’uwo ni We Nkinzo yanje, mu bizonshikira vyose.
Couplet 3
Umve bagenzi ndababwire, naranaseranguye cane, ndab’aho noba mfis’incuti, je nayisanze mw’Ijambo gusa. None dukunde bene Data, kuko ni wo muryango wacu, Dufise tukiri mw’iyi si, Tukazobana hamwe mw’Ijuru.
Refrain
Nzokwama Mwami nizigiye Uhoraho Imana yanje, kuk’uwo ni We Nkinzo yanje, mu bizonshikira vyose.
Couplet 4
N’Umwami Yesu Yavuz’ati: “Nimureke ngende kwa Data, kuko ni vyo vyobagirira ikimazi gikomeye cane, ariko ni ntagenda naho, ntabwo muzoronk’ Umuhoza”. None raba twaramuhawe, ubu ni W’arongor’Ishengero.
Refrain
Nzokwama Mwami nizigiye Uhoraho Imana yanje, kuk’uwo ni We Nkinzo yanje, mu bizonshikira vyose.
Couplet 5
Kandi Yarongey’ Avug’ati: “Ikizobarangira bose, ko mwe mur’abigishwa banje, n’ukuntu muzoba mukundana”. None nidukundane twese, nidukundanire mu Mwami, kukw’ abafis’urwo Rukundo, ni bo bazobon’ Umwami Yesu.
Refrain
Nzokwama Mwami nizigiye Uhoraho Imana yanje, kuk’uwo ni We Nkinzo yanje, mu bizonshikira vyose.