#521
Bene dat’iki gihe turimwo
Umuco 2
Couplet 1
Bene Dat’iki gihe turimwo n’ica nyuma, niduhumure amaso turab’iyo kigeze. Ibimenyetso vyose vyaramaze gushika; Mbega mwene Data wewe ubona kigeze he?
Refrain
- Abavugabutumwa bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abahanuzi nabo bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abaririmvyi nabo bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abashing’intahe nabo bama bavuga ko igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure].
Couplet 2
Bene Dat’iki gihe s’ico kujarajara, n’igihe co kwitandukanya n’ivyanduza vyose, Abera bariko bararangiza Urugendo. Mbega mwene Data wewe ubona ugeze he?
Refrain
- Abavugabutumwa bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abahanuzi nabo bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abaririmvyi nabo bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abashing’intahe nabo bama bavuga ko igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure].
Couplet 3
Mwene Data wibwira yuk’uri mu Rugendo, niwisuzume yuko wob’ugendana n’Ijambo. Kuko mwene Data igihe kigiye gushika, c’ukugaragaza abaherekej’ Umugeni.
Refrain
- Abavugabutumwa bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abahanuzi nabo bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abaririmvyi nabo bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abashing’intahe nabo bama bavuga ko igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure].
Couplet 4
Bene Data Inzira yo gushika mw’Ijuru, s’Inzira yoroshe, kuko n’Inzira y’Abahizi. Abagend’uko bashaka ntibameny’iki gihe, ntibazoshobora kwumva ya Nzamba ni yavuga.
Refrain
- Abavugabutumwa bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abahanuzi nabo bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abaririmvyi nabo bama bavuga kw’igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure]: - Abashing’intahe nabo bama bavuga ko igihe...: [Kigiye kurangira kugira, ngo twitegure].
Couplet 5
Bene Dat’Abahanuzi bama baduhanura, mbega mwene Data wewe woba wumvir’ Ijambo? Ikivyerekana rero yuko wumvir’ Ijambo, n’imbuto uzogenda wama mur’uru Rugendo.