Indirimbo Zikundwa Open in the app

#504

Harih’umusi abazoba bakiriho

Umuco 2

Couplet 1

Harih’umusi abazoba bakiriho, n’abazoba barapfuye bose, bazohagarar’ imbere y’Intebe y’Imanza y’Imana. {Mbega murazi yuk’Umugeni wa Yesu Kristo Ari W’azocir’ imanz’ abantu?} x2

Refrain

Twame twisuzuma bene Data, Turaba yukw’ imbuto twera, zishingirw’ intahe n’Ijambo ry’Imana {Ntituze dusange twaratamiy’ ubusa, Kandi duhanurwa igihe cose.} x2

Couplet 2

Ntawuzokwihisha kuko kur’uwo musi, ivyaremwe vyose bizoba, birindiriy’ impera ikwiranye n’ivyo vyakoze. {Nta kwiregura kuzobaho kukw’ic’ umunt’ abiba, ari co nyene azokwimbura.} x2

Refrain

Twame twisuzuma bene Data, Turaba yukw’ imbuto twera, zishingirw’ intahe n’Ijambo ry’Imana {Ntituze dusange twaratamiy’ ubusa, Kandi duhanurwa igihe cose.} x2

Couplet 3

Ubuzima bw’umuntu buzoj’ ahabona, Ni waba warumviy’ Ijambo, Bizogaragara kuk’ uzoragwa Ubugingo. {Ni waba waragabitanije naho, menya neza yuk’urupfu rukurindiriye.} x2

Refrain

Twame twisuzuma bene Data, Turaba yukw’ imbuto twera, zishingirw’ intahe n’Ijambo ry’Imana {Ntituze dusange twaratamiy’ ubusa, Kandi duhanurwa igihe cose.} x2

Couplet 4

Ni wavuga ngo waravuze ubutumwa, canke ngo wararirimvye bizogushingir’ intahe mu Nyonga, z’Umwam’Imana? {Ivy’uhor’ ukora bizoca mu muriro, ni vyarama, uhabwe Igitsibo c’ubwiza.} x2

Refrain

Twame twisuzuma bene Data, Turaba yukw’ imbuto twera, zishingirw’ intahe n’Ijambo ry’Imana {Ntituze dusange twaratamiy’ ubusa, Kandi duhanurwa igihe cose.} x2

Couplet 5

Ni wavuga ngo warazanye benshi mu Gakiza, Navyo nyene bizogaragara, ni vyarama uzokwaka nk’inyenyeri zo kw’Ijuru. {Kuk’uzohabw’ igitsibo c’ubwiza burushirije ic’Umwam’ Imana Yasezeranye.} x2

Refrain

Twame twisuzuma bene Data, Turaba yukw’ imbuto twera, zishingirw’ intahe n’Ijambo ry’Imana {Ntituze dusange twaratamiy’ ubusa, Kandi duhanurwa igihe cose.} x2

Couplet 6

Ivy’umunt’abiba nivyo azokwimbura, Ni wabibira mu mubiri, uzokwimbura ukubora kw’uyu mubiri. {Ni wabibira muri Mpwemu uzokwimbur’ Ubugingo, kukw’ari Isezerano ry’Umwami.} x2