Indirimbo Zikundwa Open in the app

#503

Igihe twizer’ijambo ry’abahizi

Umuco 2

Couplet 1

Igihe twizer’Ijambo ry’abahizi, Twasa n’abantu bavuye mu bapfuye,

Couplet 2

Umwami Yes’ aduhishurir’ ibanga, Ryari ryaranyegejwe mu bihe vyose.

Refrain

Tumushime... Tumushime, Duhimbaz’Umwami Yesu, Ni We Jambo, ni We Mana y’Abahizi, Ari hafi kuza kujan’ Umugeni.

Couplet 3

Twari mw’itiro dupfiriye mu vyaha, Amanukan’ Ubwiza bw’Imana Yera, Adukura mu binyoma vy’amadini, Adushira mu Bwami bwiza bw’Abera.

Refrain

Tumushime... Tumushime, Duhimbaz’Umwami Yesu, Ni We Jambo, ni We Mana y’Abahizi, Ari hafi kuza kujan’ Umugeni.

Couplet 4

Tur’abana b’inkukuma tuj’i wacu, Turagiye i Siyoni iyo mw’Ijuru, Mbega n’iki cotubuza kuj’iwacu, Twarabony’ Inzir’ ishikana mw’Ijuru.

Refrain

Tumushime... Tumushime, Duhimbaz’Umwami Yesu, Ni We Jambo, ni We Mana y’Abahizi, Ari hafi kuza kujan’ Umugeni.

Couplet 5

Turanezerewe kwibera mu Bwami, Twahicaritswe n’Ijambo rihishuwe, Dufatanij’ Ukwizera n’Abahizi, Tumaramaje gukurikir’ Umwami.

Refrain

Tumushime... Tumushime, Duhimbaz’Umwami Yesu, Ni We Jambo, ni We Mana y’Abahizi, Ari hafi kuza kujan’ Umugeni.

Couplet 6

Ivy’iyi si twarabitey’ umugongo, Kugira dushikir’ ikiruta vyose, Dushingir’ ibir’ imbere mu Kwizera, Kugira ngo ducakir’ ivy’Ubugingo.

Refrain

Tumushime... Tumushime, Duhimbaz’Umwami Yesu, Ni We Jambo, ni We Mana y’Abahizi, Ari hafi kuza kujan’ Umugeni.

Couplet 7

Amaze kwihishurir’abo Yakunze, Har’Ibanga Yatujeje mu mitima, Ngo tugume mu Rukundo Yadukunze, Az’asange twarazigamy’ Ukwizera.