#505
Umwami Yesu yaduhay’isezerano
Umuco 2
Couplet 1
Umwami Yesu Yaduhay’ Isezerano Ry’ukw’Azoza kutujana mw’Ijuru i We Kugira ngw’ah’ari natw’ab’ ariho tuba Tumwizigire kuko ntahinduka.
Refrain
{Iyadusezeraniye ntiyivuguruza, kuko ntabay’umuntu, ngo Yivuguruze.} x2
Couplet 2
None raba mu Rugendo har’imisozi, Kandi tukarwana n’Intambara nyinshi, ivyo vyose bitwereka ko tuj’iwacu, Dusab’ Umwami Yes’Atuj’ imbere.
Refrain
{Iyadusezeraniye Ntiyivuguruza, kuko ntabay’ umuntu, ngo Yivuguruze.} x2
Couplet 3
Urugendo rw’abari mur’iryo Sezerano ruragoye rugendwa n’Abahizi gusa, abemera kwiyanka ku bw’Umwami Yesu, bakemera guc’ah’ inzir’iciye.
Refrain
{Iyadusezeraniye Ntiyivuguruza, kuko ntabay’ umuntu, ngo Yivuguruze.} x2
Couplet 4
Mu Rugendo hama har’ingorane nyinshi, Imana vyayihimbaye kuziducishamwo, na bene Data batanguy’uru Rugendo, bagiye bagwan’ Intambara nyinshi.
Refrain
{Iyadusezeraniye Ntiyivuguruza, kuko ntabay’ umuntu, ngo Yivuguruze.} x2
Couplet 5
Daniyeli yatawe mu rwobo rw’intambwe, Shaduraki, Meshaki na Abedi Nego, nabo batawe mw’itanure ry’umuriro, baravyemera kuber’ Ukwizera.
Refrain
{Iyadusezeraniye Ntiyivuguruza, kuko ntabay’ umuntu, ngo Yivuguruze.} x2
Couplet 6
Ni twashika mw’Ijuru mu Bwami bwa Data, Tuzonezererwa kubana n’Umwami, Dufise n’Ishimwe ryinshi mu mitima ry’ukw’ Adusohorej’ Isezerano.
Refrain
{Iyadusezeraniye Ntiyivuguruza, kuko ntabay’ umuntu, ngo Yivuguruze.} x2