Indirimbo Zikundwa Open in the app

#502

Shimwa Mwami!

Umuco 2

Couplet 1

Shimwa Mwami ko wazutse, Natwe twizeye iyo ntsinzi nyakuri, Gushik’ igihe uzozira Mwami, Kutujana Iwawe mw’Ijuru.

Couplet 2

Ibisinzikaza vyose, Tuzobiruhuka ni twager’i wawe, Uzaduh’ Amazu yacu Mwami, Tuzoruhuka umubabaro wose.

Couplet 3

Tunezerwe mu mitima, Kuk’Umwami Yesu Yatuvukiye, Dufis’ umunezero mwinshi cane, Ko twagizwe Ihanga ry’Imana.

Couplet 4

Yesu Kristo n’Ushimwe pe, Ku bwa Mpwemu wawe mw’Ishengero,

Couplet 5

Yemeza ko tugiye gutaha, Tukabana na W’ibihe vyose.

Couplet 6

Mpwemu wa Yesu dufashe, Kugira ngo tube Abera, Tuzobone impera natwe, Ah’uzozira kutujan’ Iwawe.

Couplet 7

Rab’igihe kirakuze, Natwe tube Abahizi kuko, Abahizi ni bo muzobana, Hamwe mucir’ imanz’ abatizeye.

Couplet 8

Shengero tube maso pe, Dukovye kugira ngo ntidutsindwe, Dusab’ Imana ngo Iduhe, Kugendera mw’Ijambo tubwirwa.