Indirimbo Zikundwa Open in the app

#501

Umwami wacu Yesu yaraturaritse

Umuco 2

Couplet 1

Umwami wacu Yesu yaraturaritse, ngo dutond’ Urugamba tugwan’ Intambara, Intambara y’Abera, intambara nziza, Umugabisha mwiza ni W’atur’ imbere.

Couplet 2

Mu kugwan’Urugamba tugir’ intumbero, ntitube mu Rugendo ba sindabibazwa, Tumenye neza yukw’ic’ umwe wes’abiba, ku mpera y’Urugendo azogisarura.

Couplet 3

Dusab’Umwami Yesu Atwuzuz’ ishaka, Tugir’ umwete mwinshi mu kumurondera, Tumukundish’ ubwenge n’inkomezi zose, imitima yacu yos’imwiyegurire.

Couplet 4

Mu misi ya nyuma Urugamba rurakaze, kurya no kunywa ni vyo birang’ ab’iki gihe, kudamarara no gukund’ ivy’umubiri, bikababuza kwumvir’ Ijambo ry’igihe.

Couplet 5

Dufis’ubutumire budasanzwe ncuti, Budusaba kwiyanka no kwiyambura vyose, ngo dukurikir’ Imana mu Nzira yaga. Ngo dushushanywe na Yo mu kameremere.

Couplet 6

Uku kwitanga kwacu kuzobishobora, Gufatanije n’Ubuntu bwa Yesu Kristo, Iman’ izohezagir’ intumbero nziza, Twuzure Mpwemu Yera n’inkomezi nyinshi.

Couplet 7

Tugwan’urwo rugamba duseng’ urudaca, Dusabir’ abatamira hagati yacu, Dusengere n’Abera mu kwinginga kwose, bib’ubuzima bwacu kandi dukobeje.

Couplet 8

Dushikanir’Iman’ivyo mu nkomezi zacu, Dushikanir’ Iman’ umwanya wacu wa mbere, iyi mibiri yacu ihinduk’ ibimazi, ni h’ugusenga kwacu kuzokwer’ imbuto.

Couplet 9

Nay’urugamba rwacu rugiye gushira, Twiyambur’ivyo vyose bituremerera, Twiyegerez’ Imana n’imitim’ ikeye, Bizoduha gukurira mu Buntu bwayo.

Couplet 10

Turangij’Urugamba tuzosang’ Umwami, Yagwany’ urwo Rugamba Adutegereje, Atubwir’ati: “Ngwino mwa bahirwe b’Imana, Mwabay’ abizigirwa, ingo muruhuke!”