#500
Nar’ahantu hateye akagongwe
Umuco 2
Couplet 1
Nar’ahantu hateye akagongwe, hagatera n’ubwoba bwinshi cane. Nabaho ntazi iyo mva n’iyo nja, Nari nteye umubabaro. Ijwi ry’Imana rica rinsanga ngaha, Ryiyoroheje riteye n’ubwoba, {Riti: “Harageze ko ukanguka, Ukameny’ivyo mu Bwam’iwanyu”.} x2
Couplet 2
Nkangutse namenye yukw’aha kw’isi, ari mu mahanga atar’iwacu. Kw’iwacu ar’i Siyoni mw’Ijuru, Twahozeyo tugiye gutahuka. Niho namenya yuko ngaha kw’isi, nd’umwe mu baserukir’ Imana. {Biranter’ umunezero n’ubwoba, Kukw’ ar’ibanga riremereye.} x2
Couplet 3
Ni h’Imana yac’Itangur’ Igikorwa, Kitoshoborwa n’umwe mu baremwe. N’ico kunyoz’ imyanda nanduriye mu mahanga aganzwa na Satani, Satani nawe yaciy’ahaguruka, afis’uburake bwinshi cane,
Couplet 4
{Ashaka ngo ngume nkandamirijwe, mu buja bwo mur’ubwo bwami bwiwe.} x2
Couplet 5
Ni ho naza kubona kw’akaranga, n’ingeso vy’iwacu bitandukanye n’ivyo tubona mur’aya mahanga, ni nk’uko Ijuru n’isi biri. None wewe mugenzi wanje nkunda, ingendo zawe zoba zisa gute? {Isuzume hanyum’ uhindukire, ukor’ibishimish’ Uwagutumye.} x2
Couplet 6
Uk’Umwansi yangend’ andas’imyampi, Ni kw’ijwi ryiwe ryaduga kundega. Umutima wanj’ ukihebura cane, Nkibaza nt’Iman’igiye kumpeba. Mbeg’ umusi jewe ntazibagira, aho rya jwi ry’Imana ryagaruka, {Rit’Amaraso y’Imana Yaratanzwe, humura niy’akwoz’ imisi yose.} x2
Couplet 7
Non’ubu ndaramirije mu Rugendo, Nshiz’ amanga Satan agateterwa. Jewe nzokomeza ngume nizigiye, Ubuntu n’ikigongwe c’Imana, Ni twashik’ Iwacu twebwe dutahutse, Umwam’ Imana Azotubwira ati: {”Mwamberey’ ivyabona binshimisha, Injir’Iwanyu maze Muruhuke”.} x2