#495
N’ishimwe cane Haleluya!
Umuco 2
Refrain
N’ishimwe cane, Haleluya! Ku bw’Urukundo rw’Imana, Yatwis’abana b’Imana kandi ni ko turi.
Couplet 1
Uhorah’Imana yacu n’Urukundo, Ku bw’urwo Rukundo twahaw’ Agakiza. Twavyawe n’Ijambo, riduh’ Ubugingo, kubw’ urwo Rukundo tur’Umugeni.
Refrain
N’ishimwe cane, Haleluya! Ku bw’Urukundo rw’Imana, Yatwis’abana b’Imana kandi ni ko turi.
Couplet 2
Ku bw’urwo Rukundo duhanurwa kenshi, kwitandukanya n’ivyanduza vyose. Tukambar’ Ubushobozi bw’Ijambo, Bikaduha guter’ intambwe mu Rugendo.
Refrain
N’ishimwe cane, Haleluya! Ku bw’Urukundo rw’Imana, Yatwis’abana b’Imana kandi ni ko turi.
Couplet 3
Ivyabona vyinshi bidukikije hose, Abana b’Imana babay’abahizi. Bagendeye mw’Ijambo ry’igihe cabo, na twebwe nitwumvir’ijwi ry’Ubuhanuzi.
Refrain
N’ishimwe cane, Haleluya! Ku bw’Urukundo rw’Imana, Yatwis’abana b’Imana kandi ni ko turi.
Couplet 4
Tudug’umusozi mu ruhanya turira, uruzuba n’imbeho n’amarushwa menshi; Ariko duhumure kuk’Urugamba, rushiz’ Umukiza Akatujana kuruhuka.
Refrain
N’ishimwe cane, Haleluya! Ku bw’Urukundo rw’Imana, Yatwis’abana b’Imana kandi ni ko turi.
Couplet 5
Urukundo rw’Imana ntirwihayagiza, Urukundo rw’Imana rurenzako vyose. Urukundo rw’Imana rwicisha bugufi, Rwihanganira vyose rukagira neza.