#494
Inzira yo kugenda mw’ijuru
Umuco 2
Couplet 1
Inzira yo kugenda mw’Ijuru ntiyoroshe, Harimw’ imibabaro n’ingorane nyinshi. Ariko ni twagenda duhonyoz’ ikirenge mu c’Umukiza Yesu, niho tuzoshika.
Refrain
Umwami wacu Yesu Yarayiciyemwo, kukw’az’ imibabaro, ni W’atugwanira.
Couplet 2
Ijambo twama twumva twame turigendera, ni ryo bigwanishwa vyo mu buryo bwa Mpwemu. Ibigatanya vyose tuzobirya butsima,
Couplet 3
kumwe Dawidi yanesheje Goliyati.
Refrain
Dufis’Umugabisha, ni W’Atur’imbere, Ni W’Atuneshereza Intambara zose.
Couplet 4
Igihe kiragiye, dukomez’ Urugamba, Kuko twizeye ko rugiye kurangira. Ni dutabaruka turangije Urugamba, Tuzoruhukira muri Yerusalemu.
Refrain
Turi kumwe n’Umwami wacu Yesu Kristo, Turi muri bwa Bwami bwiwe bwo mw’Ijuru.
Couplet 5
Igihe kirashitse, Umwami Yes’Araje, Aje gutwar’Ihanga yaguz’amaraso. Twikangure, twikangure, nguy’ Umwam’Araje, Ibimenyetso vyose vyamaze gushika.
Refrain
Ngwino Mukiza Mwiza turakunyotewe, Ihanga ryawe ryose ryipfuza gutaha.