#496
Umwam’imana ni we nagiz’ubuhungiro
Umuco 2
Couplet 1
Umwam’Imana ni We nagiz’ubuhungiro, Kumwegera ni kwo kwamberey’amahirwe. Igihe cose namutakambiye Yarumvise,
Couplet 2
Imbabazi ziwe zanjeko nk’uko nari Mwiteze.
Refrain
{Yemw’abubah’ Imana mwese nimuze, mwumve.} x2 Nanje mvug’ivyo yagiriy’ Ubugingo bwanje, {Eka nta wogereranywa n’Uhoraho.} x2
Couplet 3
Narondey’Uhoraho na We aranyitaba, Ankiz’ubwoba bwinshi nari mfise bwose. Umutima wanje wose witeze Uhoraho, Ni We Mutabazi wanje n’Inkomezi zanje zose.
Refrain
{Yemw’abubah’ Imana mwese nimuze, mwumve.} x2 Nanje mvug’ivyo yagiriy’ Ubugingo bwanje, {Eka nta wogereranywa n’Uhoraho.} x2
Couplet 4
Igihe cose mmaze nizigiy’ Uhoraho, Yagiy’ Ashigikir’ intambuko zanje zose. Uhoraho Yamy’ Ahaguruka Akantabara, Yazigamy’ amagufa yanje ngo ntavunagurike.
Refrain
{Yemw’abubah’ Imana mwese nimuze, mwumve.} x2 Nanje mvug’ivyo yagiriy’ Ubugingo bwanje, {Eka nta wogereranywa n’Uhoraho.} x2
Couplet 5
Umugororotsi atakamvy’ arira cane, Uhorah’ aramwumva nk’Imana y’imbabazi. Mu bamuhungirako nta n’umwe azomaramara, Hahirw’ Ihanga rifis’ Uhoraho nk’Imana yaryo.
Refrain
{Yemw’abubah’ Imana mwese nimuze, mwumve.} x2 Nanje mvug’ivyo yagiriy’ Ubugingo bwanje, {Eka nta wogereranywa n’Uhoraho.} x2
Couplet 6
Imana twizeye ni yo Mana yo Gusengwa, Kukw’ itwikorerer’ imitwar’uko bukeye. Iyo tutabon’ ugutabarwa kuva kw’Uhoraho, is’iba yaratuyongobeje kandi tukibona.