Indirimbo Zikundwa Open in the app

#431

Bene data mwahamagawe

Umuco 2

Couplet 1

Bene Data mwahamagawe n’Umwami, Imana ntitebeje Isezerano, Ariko yihanganiy’ abana bayo, Kugira ngw’ibanz’ ibegeranye.

Refrain

Imana yacu n’Inyembabazi nyinshi, Ndayishimiye cane kuko yanyiyeretse. {None nawe mwene Data niwizere, Iraguharir’ivyo wagendeyemwo.} x2

Couplet 2

Uhorah’Imana yac’irazi vyose, Yama yihanganir’ Umugeni wayo, akijuragurika mu mahanga, ayo mahanga ni yo madini.

Refrain

Imana yacu n’Inyembabazi nyinshi, Ndayishimiye cane kuko yanyiyeretse. {None nawe mwene Data niwizere, Iraguharir’ivyo wagendeyemwo.} x2

Couplet 3

Bene Data nimuze twiyubare, Satani ntadukuremw’ ivyizigiro, Ngo tuvuge ko twizeye kuva kera, None twamaze kurambirwa.

Refrain

Imana yacu n’Inyembabazi nyinshi, Ndayishimiye cane kuko yanyiyeretse. {None nawe mwene Data niwizere, Iraguharir’ivyo wagendeyemwo.} x2

Couplet 4

Bene Data ntitube abatizera, Imana yacu n’Iyo kwizigirwa, Arikw’ igihe kigiye gushika, Maze duheze tuzamurwe.

Refrain

Imana yacu n’Inyembabazi nyinshi, Ndayishimiye cane kuko yanyiyeretse. {None nawe mwene Data niwizere, Iraguharir’ivyo wagendeyemwo.} x2

Couplet 5

Ubutame bwose hamwe n’imiruho, Turuhira mur’uru Rugendo rwacu, Vyose nimuze tuvyihanganire, Hasigaye gato tuzamurwe.