#430
Inzira y’imiruho
Umuco 2
Couplet 1
Inzira y’imiruho ku bizera, Ibazanira guhimbar’Imana, Kukw’inzira yoroshe ku bizera, ituma baba abahwahutse.
Couplet 2
Abagiye baba abahizi, Na bo iyo niyo yabay’Inzira, Natwe bidukwiye kuba nka bo, Kugira tuzoshobore kubana.
Couplet 3
Ihanga ry’Uhoraho kuva kera, Imiruho ni yo yariranga, Natwe biradukwiye kuba nka bo, Tukiri mur’ubu bugingo.
Couplet 4
Ishengero ry’Isirayeli mw’Egiputa ryabayeho birigoye, Natwe turyigane guseng’ Imana, Ngw’ Idutsindir’iki gihe kigoye.
Couplet 5
Imiruho ni myiza ku bizera, Yamara ku batizer’ irabishe, Twemere turushwe ku bwa Yesu, Tuzoshobore kubana na We.
Couplet 6
Shengero ry’Imana tunezerwe, Kuko igihe gishitse vuba, Twihangane rwose Yes’araje, ibiturusha Abituruhure.