#432
Dufis’ishimwe ewe muvyeyi
Umuco 2
Couplet 1
Dufis’ishimwe ewe Muvyeyi wacu, Ko waturinze mu bihe bigoye, Satani yar’afis’ imihigo mibi, N’ushimwe Yesu ko Wamunesheje!
Refrain
Warabiravye, Warabiravye, Uducira Inzira. Warabiravye, Warabiravye, Waduhay’ umwidegemvyo.
Couplet 2
Bamwe muri twe baramerewe nabi, Ariko Mana waradutabaye, Twagarukiye ku cobo c’urupfu, Ariko Yesu Waradukunze cane.
Refrain
Warabiravye, Warabiravye, Uducira Inzira. Warabiravye, Warabiravye, Waduhay’ umwidegemvyo.
Couplet 3
Abera bawe Mana bakwemangiye, bamw’ingo zabo ziracaboshwe, Kubw’ Urukundo warabaremesheje, N’ugir’ ubunt’ubah’ umunezero!
Refrain
Ko Wabarinze bakihangana, N’ubohore ingo zabo, Bazogushima bavuz’ impundu, Bat’ «Uhoraho n’Ashimwe»!
Couplet 4
Ewe Yesu n’udukiz’ivyago vyose, n’imitego yose y’Umugwanizi, Hab’iyo mu ngo canke n’iyindi yose, Dufashe Yesu tuzoshik’ Iwawe.
Refrain
Ah’Abizera, ah’Abizera, Tuzokwambikw’ Igitsibo, Tuzoririmba Haleluya, Tuzoruhuk’ imiruho.