#427
Yesu Kristo n’igitangaza
Umuco 2
Couplet 1
Yesu Kristo n’igitangaza, Umujanama w’abizera, Ni We Mana y’Abera bose, Data wa twes’ari mw’Ijuru, {Ni na We soko y’Ubugingo, Idudubiz’ ibihe vyose, Yashizeh’ amatanguriro, Ni We Mwami w’Ijuru n’isi.} x2
Couplet 2
Ni We yamyeho kand’ariho, Ariho kand’azokwamaho, Ni We Alufa na Omega, Kandi ni We agiye kuza, {Afise n’inkot’ ikarishe, N’Ijambo ryiza Rihishuwe, Uwo ni We Mwami dusenga, Ni Data Mwiz’ Asumba vyose.} x2
Couplet 3
Ewe Mwami w’icubahiro, Waduhaye izina ryiza, Ivyoba Mwami biduhagije, N’uko twokwuzur’ Ubugingo, {Waducishije mur’iyi si, Iyi si yuzuy’ umwijima, Nta ciza kiyirimwo, Mwami, Dufashe tugende tunesha.} x2
Couplet 4
Nta ntambwe n’imwe twokwiteza, Ntaco twokwiyungura Mana, Dusukek’ Ubuntu bwawe bwinshi, Maze tugender’ ahabona, {Imipfunda raba ni myinshi, Amadayimon’ akaba menshi, Ni Wavug’ Ijambo rimwe, imiyaga yos’iraceceka.} x2
Couplet 5
Kw’ijur’ar’ iryawe Mukiza, Isi yose n’ibiyibamwo, Hagarikir’ Ihanga ryawe, Kuko ni We waryiguze, {Uhorah’ Ur’Umutabazi, Murikisha mu Nyonga hawe, kukw’ igihe gihita vuba, Mwami, Turabish’ imbabazi.} x2
Couplet 6
Mwami, tugushimiye cane, Ivyo waducishijemwo, Ukuboko kwawe kwaratuyoboye, gushika n’uyu musi, {Kenshi twagwanye na Satani, Twarabonye n’ivyiza vyinshi, Mwami, Watugiy’ imbere, kensh’ Uzimy’ imyampi ya wa Mubi.} x2
Couplet 7
Wadutsindiy’abansi benshi, Ub’Inzira ic’ahabona, N’ivy’ukuri witwa Gitangaz’ Umujanama w’Abizera bose, {Reka none tukuririmbe, N’ubu Mwami, ntab’ari twebwe, Ariko gus’Izina ryawe, Ryo nyene Rishirwe hejuru.} x2