#426
Twebwe ubura bw’uhoraho
Umuco 2
Couplet 1
Twebw’ubura bw’Uhoraho, Twaturutse ku Mana, Muri Yo ni ho twahoze, Kuva mbere na mbere.
Refrain
{Ni co gituma tubwirizwa, Kwitegurira gusubirayo, N’igihe turimwo n’ico, Gusubir’ Imuhira.} x2
Couplet 2
Ubwoko bwacu n’ubuhe? Tur’ubwoko bw’Imana, Ivyo kenshi tubivuze, Benshi bakaduhama.
Refrain
{Kukw’iyi si idashobora, Gutahura namba ico turi co, Twitw’abana b’Uhoraho, Kand’uko ni ko turi.} x2
Couplet 3
Iyi si itararemwa, Twebwe twari mu Mana, N’inzuzi zitarabaho, Na ho twari mu Mana.
Refrain
{Ni co gitum’ari ngombwa, Gusubira mu Mana aho twahoze, N’Ijambo twumva ni Ryo, Ridusubiz’ Imuhira.} x2
Couplet 4
Amarushwa atwibutsa, Ko turi mu mahanga, N’imiruho nay’itubwira, Ko turi mu gutaha.
Refrain
{Duhuye n’ingorane nyinshi, Ntibidutangaza kukw’aha s’iwacu, Duhumure vuba cane, Tuzigir’ Imuhira.} x2
Couplet 5
Yesu ni We Yavuz’ati: “Nzogaruka mbajane, Mw’Ijuru aho mba, namwe, Habe ari ho muba”.
Refrain
{Uyo ntiyihenda, ntabesha, Kandi Yam’Ashitsa ivyo Yavuze, Tumwitege, vuba cane Azoza kutujana.} x2
Couplet 6
Mu kwiteg’Ukuza kwiwe, Tugendere mw’Ijambo, Twiyambure ibintu vyose, vyama bituremera.
Refrain
{Twiyambur’ ivy’uyu mubiri, Twuzure Mpwemu, twame turi maso, Twame turi nk’Umugeni, Iyo yitez’Umukwe.} x2