#417
Mbega kw’intambara ikomeye
Umuco 2
Couplet 1
Mbega kw’intambara ikomeye bene Data, Mubona tuzoyikizwa na nde? Ni nd’azodutsindira ngo dushobore kurangiza, Urugend’ amahoro dushike ku Mana yacu?
Refrain
Tuzokwizera kandi tuzokwizigira, Kukw’Imana n’iy’ukwizigirwa, N’amasezerano yayo n’ukuri kudahinduka.
Couplet 2
Turaswa ku mpande zose, turaswa, n’impwemu mbi, Z’amadayimoni zihig’agakiza, Twahawe ku buntu tumaze kwizera igikorwa Cakozwe ku musaraba n’Umwami Yesu Kristo.
Refrain
Tuzokwizera kandi tuzokwizigira, Kukw’Imana n’iy’ukwizigirwa, N’amasezerano yayo n’ukuri kudahinduka.
Couplet 3
Imitego ni myinshi cane mu buryo buboneka, Hamwe no mu butaboneka, Satani agaca mu bwenge ngo ntitwizer’ukuri Kw’Ijambo ry’Imana ngo dushikire kuba Abera.
Refrain
Tuzokwizera kandi tuzokwizigira, Kukw’Imana n’iy’ukwizigirwa, N’amasezerano yayo n’ukuri kudahinduka.
Couplet 4
Intambamyi ni nyinshi cane, ibiduhiga si bike, Ico birondera n’ukudukura, Mu muco, na cane uyu muco w’akagoroba waje, Kudusubiza mu Kwizera kw’Intumwa n’Abahanuzi.
Refrain
Tuzokwizera kandi tuzokwizigira, Kukw’Imana n’iy’ukwizigirwa, N’amasezerano yayo n’ukuri kudahinduka.
Couplet 5
Intambara iri mu kurangira, reka tugume ku Rugamba, tugende mu kwizera, Twihanganir’ imibabaro dukobeje rwose Tuzoruhuk’ iy’imbere ku Mwami Yesu mw’Ijuru.
Refrain
Tuzokwizera kandi tuzokwizigira, Kukw’Imana n’iy’ukwizigirwa, N’amasezerano yayo n’ukuri kudahinduka.