Indirimbo Zikundwa Open in the app

#418

Reka ntazir’izina ry’uhoraho

Umuco 2

Couplet 1

Reka ntazir’Izina ry’Uhoraho, Kukw’ari We yampaye agakiza, Nariko nyerera mu buzimire, Angirir’ Ubunt’ Aranzimurura.

Refrain

Amaze kunyihishurira, Yaciye anyerek’Inzira {Ati: “Mwana wanje, tumber’Inzira, Izogushikana mu Bwami bwanje”.} x2

Couplet 2

Ngitangura guca mur’iyi nzira, Sinari nzi kw’ar’inzir’ ifunganye, Arik’uko nagenda nter’intambwe, Nikw’inzira yarushiriza kwaga.

Refrain

Ntanguye kwiyumvira cane, Nibaza yuko nazimiye, {Umukiza wanj’ac’ Arangendera, Ati: “Mwana wanje, Inzira n’iyo”.} x2

Couplet 3

Ntey’imbere mbandanij’ Urugendo, Nasanz’ imisoz’ iruhije cane, Nihebuye nibaz’uko mbigira, Yes’ati: “Humura ndi kumwe nawe”.

Refrain

Reka rero ndamuhimbaze, Kuko ndaz’ico Yankoreye, {Ni We yam’Amfasha imisi yose, kand’Azonshikana mu Bwami Bwiwe.} x2

Couplet 4

Bene Dat’iyo Nzir’iraruhije, S’iya bose, n’iy’Abatoranijwe, Abamenywe n’Umwami Yesu gusa, Ker’isi n’ijuru bitararemwa.

Refrain

Kuko ntibiva ku wiruka, canke ku wurondera cane, {Vyose biva ku Mwam’Imana gusa, ngo hoye kugir’uwishemagiza.} x2

Couplet 5

Maze gutangur’ Urugendo rwanje, Yesu Yarambariy’ ibimenyetso, bizonyereka ko ngiye gushika, vyinshi muri vyo vyamaze gushika.

Refrain

Ubu rero nama ndi maso, ntegerej’ Umucance wanje, {Kuko vuba jewe nzomwibonera, Ah’azob’ Andindiriye mu bicu.} x2