#416
Uhoraho nahora ndakwumva
Umuco 2
Couplet 1
Uhoraho nahora ndakwumva, Noneh’ubu ndakwiboneye, Nahora mbarirw’inkuru zawe, Non’ubu ndakubonye.
Refrain
Uhoraho ur’Imana: (Nta yindi Man’iriho): Uri Alufa na Omega: (Nta yindi Man’iriho): Itanguriro n’Iherezo: (Nta yindi Man’iriho): Uwambere n’Uwanyuma: (Nta yindi Man’iriho): Izina ni Yesu Kristo: (Nta yindi Man’iriho).
Couplet 2
Ni Wewe waremy’isi n’ijuru, Inzuzi be n’ibintu vyose, Wabiremeshej’Ijambo ryawe, Kukw’ari Wewe Mana.
Refrain
Uhoraho ur’Imana: (Nta yindi Man’iriho): Uri Alufa na Omega: (Nta yindi Man’iriho): Itanguriro n’Iherezo: (Nta yindi Man’iriho): Uwambere n’Uwanyuma: (Nta yindi Man’iriho): Izina ni Yesu Kristo: (Nta yindi Man’iriho).
Couplet 3
Nahora numva ngo ntuhinduka, Noneh’ubu ndavyiboneye, Uko wamye na n’ubu ni k’uri, Kandi ni k’uzokwama.
Refrain
Uhoraho ur’Imana: (Nta yindi Man’iriho): Uri Alufa na Omega: (Nta yindi Man’iriho): Itanguriro n’Iherezo: (Nta yindi Man’iriho): Uwambere n’Uwanyuma: (Nta yindi Man’iriho): Izina ni Yesu Kristo: (Nta yindi Man’iriho).
Couplet 4
Nahora numva ng’usezeranye, Wam’ushitsa isezerano, Noneho jewe ndavyiboneye Ni Wewe Mana gusa.
Refrain
Uhoraho ur’Imana: (Nta yindi Man’iriho): Uri Alufa na Omega: (Nta yindi Man’iriho): Itanguriro n’Iherezo: (Nta yindi Man’iriho): Uwambere n’Uwanyuma: (Nta yindi Man’iriho): Izina ni Yesu Kristo: (Nta yindi Man’iriho).
Couplet 5
None wansezeraniye yuko, Uzonjana mu Bwami bwawe, Nama niteguriy’uwo musi, Kuko nzi k’utabesha.
Refrain
Uhoraho ur’Imana: (Nta yindi Man’iriho): Uri Alufa na Omega: (Nta yindi Man’iriho): Itanguriro n’Iherezo: (Nta yindi Man’iriho): Uwambere n’Uwanyuma: (Nta yindi Man’iriho): Izina ni Yesu Kristo: (Nta yindi Man’iriho).
Couplet 6
Eka harahiriw’iryo Hanga, Wewe wabereye Imana, Kuko wuguruye ntawugara, Wugaye ntawugurura.