#411
Tukuragije Mwami ishengero…
Umuco 2
Couplet 1
Tukuragije Mwami Ishengero ryose Ufash’umwe wese mu ngorane ziwe, Umuzirikire mu rugo rwawe, Kugira ngo twes’uko dukorana, Ata n’umw’avuyentwo, tuzohurire, Mu Bwami bwawe turirimb’ Ishimwe, {Ryawe Mana yacu Wewe Wadukunze.} x2
Refrain
{N’umunezero mwinshi pe, Ni twahurir’iyo mw’Ijuru, N’abo twakundanye} x2
Couplet 2
Hari n’abo dukunda twafatanije, Bagiy’iyo kure cane mu mahanga, Turabagushikaniye ng’ubazigame, Kugira ngo bos’uko bangana, Tuzohurire muri vya birori, Turirimban’urukundo Wewe wadukunze {Tuzogushimira ko watuzigamye.} x2
Refrain
{N’umunezero mwinshi pe, Ni twahurir’iyo mw’Ijuru, N’abo twakundanye} x2
Couplet 3
Har’abandi dukunda bahuye n’umubi Abakura mw’Ijambo, bari mu mwijima, Turabagushikaniye ng’ubagendere, Bagarure mu Nzira kuko bwije cane, Tubasabiy’ ukwicisha bugufi, ngo bagaruke kuri Wewe Jambo, {Tubagushiz’ imbere Wewe Mwami mwiza.} x2
Refrain
{N’umunezero mwinshi pe, Ni twahurir’iyo mw’Ijuru, N’abo twakundanye} x2
Couplet 4
Hari benshi dukunda batarakumenya N’ubagendere nabo binjire vuba, Kuk’ugiye kuva ku ntebe yawe, Yar’iy’ubunt’icik’iy’amateka; Bizoba birangiye, nta kwihana. N’ubahumur’amaso bakwizere! {Tuzogushimira turi kumwe na bo.} x2
Refrain
{N’umunezero mwinshi pe, Ni twahurir’iyo mw’Ijuru, N’abo twakundanye} x2
Couplet 5
Hari n’abo twakunda twafatanije, Basinziriy’ubu bararuhutse, Kuko babayeho nk’abana bawe, Turabakumbuy’ ariko duhore, Ko tugiye gusubira kubonana, Tuzohoberan’ inkumbu zishire, {Ugutandukana bizoba bishize.} x2
Refrain
{N’umunezero mwinshi pe, Ni twahurir’iyo mw’Ijuru, N’abo twakundanye} x2