Indirimbo Zikundwa Open in the app

#410

Twagiriw’ubuntu bwinshi…

Umuco 2

Couplet 1

Twagiriw’Ubuntu bwinshi cane, Kuko twisw’abana b’Imana, Bitavuye ku kurondera kwacu, Canke ku bikorwa vyiza vyacu.

Refrain

{Twirat’Ubuntu... Turirimb’Ubuntu, Kuko ni bwo bwadukijije} x2

Couplet 2

Kera nta bantu twarimwo namba, Ubu tur’ihanga ry’Imana, Kuko Kristo yatuvyaj’Ijambo, Kugira ngo tub’abana-Jambo.

Refrain

{Twirat’Ubuntu... Turirimb’Ubuntu, Kuko ni bwo bwadukijije} x2

Couplet 3

Yesu Kristo yatugize bene Se, Yatugiz’abana b’imfura, Ubu ni We Ngab’Idukingira, Amadayimoni yo mur’iyi si.

Refrain

{Twirat’Ubuntu... Turirimb’Ubuntu, Kuko ni bwo bwadukijije} x2

Couplet 4

Nimuze tumwisunge muri vyose, Ntituje tugenda twe nyene, Ariko tumuh’ubugingo bwacu, Kugira ngw’Abugab’ Abuganze.

Refrain

{Twirat’Ubuntu... Turirimb’Ubuntu, Kuko ni bwo bwadukijije} x2

Couplet 5

Har’igikorwa c’Imana Nzima, Ni twagendera mw’Ijambo ryayo, Tuzogihishurirwa na Mpwemu, Tuzogikunda, tuzocitangira.

Refrain

{Twirat’Ubuntu... Turirimb’Ubuntu, Kuko ni bwo bwadukijije} x2