Indirimbo Zikundwa Open in the app

#408

Dukwiye kuva mu vy’intango

Umuco 2

Refrain

[Trad. en Fr., voir Cant. N°438]

Couplet 1

Dukwiye kuva mu vy’intango vy’ubwambere, Ishengero rikagendera mu kwezwa, Tugater’ intambwe tugan’uko kwezwa Tubifashijwemwo n’umuvyeyi wacu.

Refrain

Inzamba yovug’ubu wumva wozamurwa? Iyishure nawe... iyishure nawe, Usigaye wovuga ngo ntiwitwararitswe Wob’ur’umubeshi, wob’ur’umubeshi Dukor’iki, none dukor’iki? Muze duhanurwe!

Couplet 2

Ibikwiriye vyose twama tubibwirwa Kuronder’Imana bituraze ishinga, Mu gusenga cane no mu kwisonzesha, Twitwararik’ic’Ijambo ridusaba.

Refrain

Inzamba yovug’ubu wumva wozamurwa? Iyishure nawe... iyishure nawe, Usigaye wovuga ngo ntiwitwararitswe Wob’ur’umubeshi, wob’ur’umubeshi Dukor’iki, none dukor’iki? Muze duhanurwe!

Couplet 3

K’utinya kubabaz’uwo mubiri wawe? Uwushaka guter’intambwe ni ngombwa yibabaze. Im’umubiri waw’ivyo wam’ugusaba, Uko ni kw’Abera badug’umusozi.

Refrain

Inzamba yovug’ubu wumva wozamurwa? Iyishure nawe... iyishure nawe, Usigaye wovuga ngo ntiwitwararitswe Wob’ur’umubeshi, wob’ur’umubeshi Dukor’iki, none dukor’iki? Muze duhanurwe!

Couplet 4

Uwo musozi nawo ur’imbere yawe, N’usenga wizey’Imana izowusenyura, Uzosigar’ugendera mu kiyaya, Umwam’Imana niko yabisezeranye.

Refrain

Inzamba yovug’ubu wumva wozamurwa? Iyishure nawe... iyishure nawe, Usigaye wovuga ngo ntiwitwararitswe Wob’ur’umubeshi, wob’ur’umubeshi Dukor’iki, none dukor’iki? Muze duhanurwe!

Couplet 5

J’ufat’akanya wiherere wisuzume, Shir’ingorane zawe zos’imbere y’Imana, Usab’ushimits’udahengeshanya, Uhez’urabe yuk’utazoter’intambwe.