Indirimbo Zikundwa Open in the app

#407

Kumenya ivyizerwa

Umuco 2

Couplet 1

Kumeny’ivyizerwa n’ukugendera, mw’Ijambo ry’Imana Kukw’Ijambo ry’Imana niryo dukwiye kwizera Kugira ngo dushobore kubon’intsinzi, Mu buzima bwacu bwo mur’iyi si.

Refrain

Dukwiye kwizigir’Imana cane, Mu gihe c’amakuba kuko Imana, Idashobora guhemukir’abayizigira, Yam’ir’iruhande yabo, Ngw’ibavur’ibibi bahura na vyo, Muri iyi si mbi.

Couplet 2

Uwemer’ibimubabaza akabaho agororoka Ni we azotsind’iyi si kuko benshi bashaka, Gukurikir’Imana hamwe n’ivy’iyi si, Bigatuma badahimbar’Imana.

Refrain

Dukwiye kwizigir’Imana cane, Mu gihe c’amakuba kuko Imana, Idashobora guhemukir’abayizigira, Yam’ir’iruhande yabo, Ngw’ibavur’ibibi bahura na vyo, Muri iyi si mbi.

Couplet 3

Twiyubare kuko dukwiye kwiyanka, tunezez’Imana, Kugira ngo dushobore kubon’impera natwe Ivuye mu kwiyanka kwacu; tubimenye, Kukw’itobura kubaho na yo nyene.

Refrain

Dukwiye kwizigir’Imana cane, Mu gihe c’amakuba kuko Imana, Idashobora guhemukir’abayizigira, Yam’ir’iruhande yabo, Ngw’ibavur’ibibi bahura na vyo, Muri iyi si mbi.

Couplet 4

Rab’Ijambo ry’Imana ryama rivugira, hagati yacu Ko igihe gikuze kandi natwe tubwirizwa Kubimenya ngo biduhe gutsinda vyose, Bidahimbar’ Umwami Yesu Kristo.

Refrain

Dukwiye kwizigir’Imana cane, Mu gihe c’amakuba kuko Imana, Idashobora guhemukir’abayizigira, Yam’ir’iruhande yabo, Ngw’ibavur’ibibi bahura na vyo, Muri iyi si mbi.

Couplet 5

Shengero twihangane kukw’igihe, kiri hafi gushika, Ivyo dukora vyose tubikore twisunze, Ijambo ry’Imana kugira dushobore, Kubon’impera igihe ni cashika.