Indirimbo Zikundwa Open in the app

#404

Twarabonye inzira…

Umuco 2

Couplet 1

Twarabony’inzira, Ya nzira y’Agakiza, Kava mu Mana, {Y’igihe icaha kitari bwabeho, N’urupfu rutari bwaseruke.} x2

Refrain

Kuko bene Data, imitima yacu, Ikwiriye gukanguka, Twibuke ko turindiriye, Umusi w’Umwami, Aho vyose bizotongoka, Bitahimbay’Imana.

Couplet 2

2 Twarizey’Ukuri, Kwa kuri kwari kwaranyegejwe bose, {Ariko raba twaraguhishuriwe, N’Ubuntu twagiriwe n’Imana.} x2

Refrain

Kuko bene Data, imitima yacu, Ikwiriye gukanguka, Twibuke ko turindiriye, Umusi w’Umwami, Aho vyose bizotongoka, Bitahimbay’Imana.

Couplet 3

Ni vyo twaragiriw’ Ubuntu turaronka, Umuco w’Ijambo, {Twigumire mu kwizera bene Data, Tubone guhimbar’Umukiza.} x2

Refrain

Kuko bene Data, imitima yacu, Ikwiriye gukanguka, Twibuke ko turindiriye, Umusi w’Umwami, Aho vyose bizotongoka, Bitahimbay’Imana.

Couplet 4

Tugume mu gikorwa C’Imana; duhishurirwe, N’ukugomba kwayo, {Tubone kurindira isezerano, Turi mw’Ijambo ryayo vy’ukuri.} x2

Refrain

Kuko bene Data, imitima yacu, Ikwiriye gukanguka, Twibuke ko turindiriye, Umusi w’Umwami, Aho vyose bizotongoka, Bitahimbay’Imana.

Couplet 5

Ijambo riravuga, Yukw’isi imwe ya kera, Yarengewe n’amazi {Iy’ubu izoshongeshwa n’ikibengebenge, gikaze, non’uzoba he?} x2