#405
Ntituzokwibagira Mana
Umuco 2
Couplet 1
Ntituzokwibagira Mana, Kuko kuva mu buto bwacu, Gushik’aho tugereye mu bigero, Wamy’utwitwararika nk’umuvyeyi, Akunda cane abana biwe pe.
Refrain
{N’amahirwe, n’ukuri n’amahirwe bene Data} x2 Kuko dufis’umuvyeyi... adukunda, Urukundo ruhoraho, Ni We yadutoranije, Akaduhamagara, Ngo ntituze dupfe rubi, Ariko turagwe ubugingo.
Couplet 2
Uhoraho Mwami Mana yacu, Ntiwigez’ utwihisha namba, Uko tugusavye wamye utwishura, Kuk’urukundo wadukunze twebwe, Rutagira n’ico tworugereranya.
Refrain
{N’amahirwe, n’ukuri n’amahirwe bene Data} x2 Kuko dufis’umuvyeyi... adukunda, Urukundo ruhoraho, Ni We yadutoranije, Akaduhamagara, Ngo ntituze dupfe rubi, Ariko turagwe ubugingo.
Couplet 3
Mu magorwa wamana natwe, Mu ngoran’utuber’inyishu, Mu buken’ukam’ugend’uradufasha, Mu butunzi wam’ugend’uratwigisha Kugira ngo tukumenye Mwami Yesu.
Refrain
{N’amahirwe, n’ukuri n’amahirwe bene Data} x2 Kuko dufis’umuvyeyi... adukunda, Urukundo ruhoraho, Ni We yadutoranije, Akaduhamagara, Ngo ntituze dupfe rubi, Ariko turagwe ubugingo.
Couplet 4
Twama dukizwa nawe Yesu, Iyo dutewe na wa mubi, Ni co gituma n’ishimwe ar’iryawe, Ryo kugushimira Wewe Mana yacu, Kubona waratugiz’abana bawe.