Indirimbo Zikundwa Open in the app

#184

Jewe nagiriw’ubuntu

Umuco

Couplet 1

Jewe nagiriw’Ubuntu bwinshi cane, Imana Yampumuy’ amaso ngo mbone, inzamura ku Musozi wayo wera, inyerek’ ivy’abantu batigeze bamenya. Impishurira amabanga yari yanyegejwe, ivy’Imana yabikiye ab’ikunda, ngo bibabere umuco mu minsi mibi, kugira ngo bashobore kunesha wa mubi.

Couplet 2

Ndavye mbona wa Mwagazi w’intama yajanjaguwe avirirana amaraso hose, afise amahembe indwi n’amaso indwi, ni zo Mpwemu z’Imana nzima, zatumwe ko zija mw’isi yose, ayo mahembe ni zo nkomezi z’Umwami, ni yo ntsinzi n’ivyirato vy’abera, nibo Bamalayika ndwi b’Amashengero.

Couplet 3

Ndavye mbona wa Mwagazi w’intama amena ivyari bimatanije igitabo, nca mbona Antikristo kw’ifarasi yiwe, avuga amajambo y’amarogotano, asesa amaraso menshi y’Abera, mbona amahanga yose amwunamiye, aca abarongoza ubugunge n’uburyarya, abagumishako na vya binyoma vyiwe.

Couplet 4

Ndavye hejuru mbona ijuru riruguruye, mbon’ Uwicaye kw’ifarasi yera, yitwa Mwizigirwa irindi Munyakuri, Inyonga ziwe ni nk’imbeya z’umuriro, mu mutwe yarafise imigara myinshi, Yambaye impuzu zera zajobetswe mu maraso, kand’ ubwiwe yitwa Jambo w’Imana, n’Umwami w’Amahoro, Haleluya!

Couplet 5

Nca numva ijwi rivuga mw’ijuru riti: Tunezerwe duhe Imana icubahiro, kuk’Ubukwe bwa wa Mwagazi bushitse, Umugeni wiwe yahejeje kwitegura, yambaye Impuzu nziza zera cane, zikayangana kandi zera hose, abo nibo banesheje ca gikoko, abo nibo bagendeye mu Muco w’igihe cabo.

Couplet 6

Nca numva wa Mwagazi asemerera cane, abarira wa Mugeni ati duga hano, nca mbona wa Mugeni azamuwe vuba, ndavye mbona Yerusalemu nsha, iteguwe nk’Inzu yateguriwe Umugeni, yubatswe ku Rufatiro rugumye cane, kandi yambay’ Ubwiza bw’Umwami aho niho tuzibanira n’Umwami!