Indirimbo Zikundwa Open in the app

#183

Kera jewe naganzwa n’umubiri

Umuco

Couplet 1

Kera jewe naganzwa n’umubiri, nari nafashwe mpiri n’icaha, njanwa hirya n’ino n’umuntu w’inyuma, kuko sogokuru Adamu yabinsigiye.

Refrain

Ubu nashitse mu Bwami bw’Imana, n’Ubwami bw’ubushobozi bwinshi, ukwiganyira n’amarira ntibishikayo, n’Ubwami bw’amahoro gusa.

Couplet 2

Yemwe ukuntu jewe nari ngowe, nashaka gukor’iciza bikanaira, ikibi ntashaka akaba ari co nkora, jewe nari imbohe ya satani koko.

Refrain

Ubu nashitse mu Bwami bw’Imana, n’Ubwami bw’ubushobozi bwinshi, ukwiganyira n’amarira ntibishikayo, n’Ubwami bw’amahoro gusa.

Couplet 3

Ariko Imana ishimwe cane rwose, kuko yanyogej’ivyaha vyanje vyose, ikankura mu buja bwa satani, none ndi mu Bwami bwayo bwera.

Refrain

Ubu nashitse mu Bwami bw’Imana, n’Ubwami bw’ubushobozi bwinshi, ukwiganyira n’amarira ntibishikayo, n’Ubwami bw’amahoro gusa.

Couplet 4

Icemezo c’uko Yesu yazutse, nukw’ari muzima muri jewe, yankuye mu bupfu bw’iy’isi, no mu bikorwa vyayo vy’umwiza.

Refrain

Ubu nashitse mu Bwami bw’Imana, n’Ubwami bw’ubushobozi bwinshi, ukwiganyira n’amarira ntibishikayo, n’Ubwami bw’amahoro gusa.

Couplet 5

Yesu yarabishingiye intahe, ati: ni jewe Bugingo n’ukuzuka, uwunyizera ntazigera apfa namba, none notiny’iki kandi jewe.