#155
Ijoro rirakuze
Umuco
Couplet 1
Ijoro rirakuze, ehe bugira buce; Agakiza karatwegereye gusumvy’ igihe twizereye, n’igihe co kwikangura.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.
Couplet 2
Ijoro rirakuze, n’igihe co kwikangura; twiyambure ivy’umwiza vyose, twambare ibirwanishwa vy’umuco eh’Umwami w’Umuc’ Araje.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.
Couplet 3
Kora ico washinzwe, ewe ncuti yanje duz’ Ibendera ry’Umwami, ryerekana intsinzi yiwe, abizera bizere vuba.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.
Couplet 4
Mpwemu n’Umugeni barahamagara, ngo ngwino wew’ usinziriye, mbega wumva uhamagara, umwiza ntubana n’umuco.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.
Couplet 5
Kanguka mwene Data naw’ uhamagare, teg’ ugutwi uhanurwe, kugira naw’ uhanur’ abandi, ni rwo rukundo rwo muri Kristo.
Refrain
Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.
Couplet 6
Ivy’isi bihend’ amaso, vyose n’ubusa, Yesu Kristo ntahemuka Azogushikana ku Bugingo, niwe Rutare rwatumenewe.