Indirimbo Zikundwa Open in the app

#155

Ijoro rirakuze

Umuco

Couplet 1

Ijoro rirakuze, ehe bugira buce; Agakiza karatwegereye gusumvy’ igihe twizereye, n’igihe co kwikangura.

Refrain

Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.

Couplet 2

Ijoro rirakuze, n’igihe co kwikangura; twiyambure ivy’umwiza vyose, twambare ibirwanishwa vy’umuco eh’Umwami w’Umuc’ Araje.

Refrain

Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.

Couplet 3

Kora ico washinzwe, ewe ncuti yanje duz’ Ibendera ry’Umwami, ryerekana intsinzi yiwe, abizera bizere vuba.

Refrain

Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.

Couplet 4

Mpwemu n’Umugeni barahamagara, ngo ngwino wew’ usinziriye, mbega wumva uhamagara, umwiza ntubana n’umuco.

Refrain

Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.

Couplet 5

Kanguka mwene Data naw’ uhamagare, teg’ ugutwi uhanurwe, kugira naw’ uhanur’ abandi, ni rwo rukundo rwo muri Kristo.

Refrain

Abera b’Imana bose, Abahizi n’Intwari zose, abagendeye mu Muco w’Agakiza kabo, ntibigeze badendebukirwa, bambay’ Amasezerano.

Couplet 6

Ivy’isi bihend’ amaso, vyose n’ubusa, Yesu Kristo ntahemuka Azogushikana ku Bugingo, niwe Rutare rwatumenewe.