#156
Uhereye muri egiputa
Umuco
Couplet 1
Uhereye muri Egiputa, duhagurukijwe n’Uhoraho, ntiyigeze kuduhemukira, inkingi y’umuriro yari imbere yacu.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, ico Yakunze Yaragikunze; n’umuvyeyi adahemuka, yihanganira vyose.
Couplet 2
Twebw’ ubura bw’ Imana Ihoraho, abakowe n’Umwami Yesu, ntakizi tambika imbere, ndazi ko tuzoshika amahoro.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, ico Yakunze Yaragikunze; n’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.
Couplet 3
None ko twakowe n’Umugabo umwe, ariwe Kristo Yabambwe, tumwishikanire rwose, ntazigera Aduhemukira namba.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, ico Yakunze Yaragikunze; n’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.
Couplet 4
Ingorane ni nyinshi cane Kristo arabibona vyose, gir’ ivy’ izigiro n’ukwizera, Ubwami bw’ Imana buregereje.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, ico Yakunze Yaragikunze; n’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.
Couplet 5
N’irihe hanga na rimwe, Uhoraho atigeze kunesha; iy’imbere harih’ ivyiza, Iyasezeranye ntiyivuguruza.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, ico Yakunze Yaragikunze; n’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.
Couplet 6
Hanyuma y’ibigeragezo, k’uwutadendebukiwe, hama har’ umunezero, Yesu n’Umugabo adahemuka.
Refrain
Uhoraho ntiyigeze guhemuka, ico Yakunze Yaragikunze; n’umuvyeyi adahemuka, Yihanganira vyose.