#139
Mwami Yesu, Mana nzima
Umuco
Couplet 1
Mwami Yesu, Mana nzima, wewe bwirukiro bwacu; mu mitima yacu hari ikintu, kirondera kukumenya, kukumenya mu mibabaro yawe, kukumenya mu rupfu rwawe, kukumenya no mukuzuka.
Refrain
Nukub’urumuri mur’iy’isi, n’ukub’umuco wo mur’iy’isi, n’ugushingira intah’Ijambo, dufashe mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.
Couplet 2
Mwami Yesu Mana nzima, wewe bwirukiro bwacu; urupfu rwawe ku musaraba, harico rwakoze muri twe, rwatumye dupfana nawe, non’ubu twazuranywe nawe erekana ubwo buzima bwawe.
Refrain
Nukub’urumuri mur’iy’isi, n’ukub’umuco wo mur’iy’isi, n’ugushingira intah’Ijambo, dufashe mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.
Couplet 3
Mwami Yesu, Mana nzima, wewe bwirukiro bwacu; har’ubugingo muri wewe, ni bwo tunyotewe gusa, imibiri n’imitima yacu, vyose n’ivyawe Mwami, erekana igikorwa cawe.
Refrain
Nukub’urumuri mur’iy’isi, n’ukub’umuco wo mur’iy’isi, n’ugushingira intah’Ijambo, dufashe mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.
Couplet 4
Nta kindi dufise twokora, dushiz’amaboko hejuru; n’uze ukor’ukugomba kwawe, uhagarikire igikorwa cawe, ushitse isezerano ryawe, abana bawe bumv’Ijambo, bave mu buja bwa Satani.
Refrain
Nukub’urumuri mur’iy’isi, n’ukub’umuco wo mur’iy’isi, n’ugushingira intah’Ijambo, dufashe mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.
Couplet 5
Har’ico twahamagariwe, nico twifuza gushikira; n’ukukwerekana mur’iy’isi, maze tukaba urumuri, korera mu nzu zawe Mwami, arizo mitima yacu, werekane ubwiza bwawe.
Refrain
Nukub’urumuri mur’iy’isi, n’ukub’umuco wo mur’iy’isi, n’ugushingira intah’Ijambo, dufashe mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.
Couplet 6
Turagusavye umugisha, mu vyo dukora vyose; igikorwa cawe gihagarare, turagusavye inkomezi, ngo tukubere intwari duhagarare k’urutare, ni wo muco w’igihe cacu.