#138
Iy’isi yashaje rwose
Umuco
Couplet 1
Iy’isi yashaje rwose, vyose vyashaje cane, ntaco mbona gisigaye, vyose vyashaje cane ./.Ico nshaka jewe nuko noba aho ntegerezwa kuba./.
Refrain
Imana Yancishije mur’ iy’ isi, kugira ndayishingire intahe; kugira ndayibere icabona, Yigaragaze muri jewe ./.None Mwami ntaco nokwishoboza, nunyeze rwose uze twibanire, mbone gukora ivy’ Ugomba./.
Couplet 2
Iy’isi yashaje rwose, s’ivyatsi s’ibiti vyose, vyose vyashaje cane, none nicare ndye nywe ./.Vyose jewe vyandambiye Ivyo si vy’ Imana Inshakako./.
Refrain
Imana Yancishije mur’ iy’ isi, kugira ndayishingire intahe; kugira ndayibere icabona, Yigaragaze muri jewe ./.None Mwami ntaco nokwishoboza, nunyeze rwose uze twibanire, mbone gukora ivy’ Ugomba./.
Couplet 3
Iy’isi yashaje rwose, kandi yandambiye, non’ ubu har’ ico nifuza, kiruta ibindi vyose ./.N’ugukora ukugomba kw’Imana Yera Ihoraho./.
Refrain
Imana Yancishije mur’ iy’ isi, kugira ndayishingire intahe; kugira ndayibere icabona, Yigaragaze muri jewe ./.None Mwami ntaco nokwishoboza, nunyeze rwose uze twibanire, mbone gukora ivy’ Ugomba./.
Couplet 4
Iy’isi yashaje rwose, isigaye ir’ urunuka, ivyayo narabihinyuye, nifuza gukora ./.Ic’Imana Yancishirije mur’ iy’ isi yuzuy’ umwiza./.
Refrain
Imana Yancishije mur’ iy’ isi, kugira ndayishingire intahe; kugira ndayibere icabona, Yigaragaze muri jewe ./.None Mwami ntaco nokwishoboza, nunyeze rwose uze twibanire, mbone gukora ivy’ Ugomba./.
Couplet 5
Bene Data bakundwa, nimuze duhung’ iy’ isi, tub’ aho dutegerezwa, kuba mu buzima bwacu ./.Tugaragaze Umwami mu mitima yacu twese./.