#140
Har’ibanga rihambaye cane
Umuco
Couplet 1
Har’ ibanga rihambaye cane, n’ibanga rikomeye cane, n’ingene Imana Ikora, n’ingene Yiyerekana, n’ingene Yihishura.
Refrain
Kumeny’ iryo banga, s’ikintu coroshe, n’uguca bugufi rwose ./.n’ukurongorwa n’Ijambo, Haleluya, Haleluya, Amen!./.
Couplet 2
Iryo banga rikomeye cane, abana b’Imana bonyene, ni bo barihishurirwa, babona Igikorwa c’Imana, n’intambwe y’Ishengero.
Refrain
Kumeny’ iryo banga, s’ikintu coroshe, n’uguca bugufi rwose ./.n’ukurongorwa n’Ijambo, Haleluya, Haleluya, Amen!./.
Couplet 3
Abadahishurirwa bose, ntibigera banarimenya, bagendera mu vyashize, bakarya manu yaboze, ntibameny’ ibihe vy’Imana.
Refrain
Kumeny’ iryo banga, s’ikintu coroshe, n’uguca bugufi rwose ./.n’ukurongorwa n’Ijambo, Haleluya, Haleluya, Amen!./.
Couplet 4
Wihutire kumenya neza, ingene Imana ikora, utahur’ ibihe vy’Imana, ntuhav’usigara mu mwiza, ngo winjire m’urupfu
Refrain
Kumeny’ iryo banga, s’ikintu coroshe, n’uguca bugufi rwose ./.n’ukurongorwa n’Ijambo, Haleluya, Haleluya, Amen!./.
Couplet 5
Harahiriwe cane rwose, abahishurirwa intambwe, bameny’ ibihe vy’Imana, bumva ijwi ry’Umwami, bakagendera mu Muco.