Indirimbo Zikundwa Open in the app

#129

Mw’isi hariyo ibingora

Umuco

Couplet 1

Mw’isi hariy’ ibingora, biturusha mu rugendo; ivyo satani aduteza vyinshi, biduterera mu mibiri, ibindi mu mitima yacu ./.None rero twihangane./.

Refrain

N’ibitwereka ko turi ingenzi ko mur’iy’isi atar’iwacu; bikaduha kwanka iy’isi no kutayisinziriramwo ./.None twihangane kandi twihute nivy’igihe gito cane./.

Couplet 2

Mw’isi har’ibingora, bikorera mu mibiri; mu ngorane nyinshi cane, n’ingorane z’umutima, ariko vyose bizoshira ./.None rero twihangane./.

Refrain

N’ibitwereka ko turi ingenzi ko mur’iy’isi atar’iwacu; bikaduha kwanka iy’isi no kutayisinziriramwo ./.None twihangane kandi twihute nivy’igihe gito cane./.

Couplet 3

Mw’isi hari ibingora, bikorera mu mibiri; mu ngorane nyinshi cane, n’ingorane z’umutima, ariko vyose bizoshira ./.None rero twihangane./.

Refrain

N’ibitwereka ko turi ingenzi ko mur’iy’isi atar’iwacu; bikaduha kwanka iy’isi no kutayisinziriramwo ./.None twihangane kandi twihute nivy’igihe gito cane./.

Couplet 4

Izo ngorane zidutera, kubon’iy’isi urunuka; tukirukira Uhoraho, ariko ni kubabona, kubatabona n’urupfu ./.None rero twihangane./.

Refrain

N’ibitwereka ko turi ingenzi ko mur’iy’isi atar’iwacu; bikaduha kwanka iy’isi no kutayisinziriramwo ./.None twihangane kandi twihute nivy’igihe gito cane./.

Couplet 5

Mwana w’Iman’ Ihoraho, ivy’ucamwo mu rugendo, ni vyo bizoguha wewe, gushikama rwose cane, mu gutsinda no mu kunesha ./.None rero twihangane./.