#128
Turakobeje mu rugendo
Umuco
Couplet 1
Turakobeje mu Rugendo, mu Rugendo rwo kuja mw’Ijuru; tugenda twihuta cane rwose, kubw’igishika tuhafitiye ./.Arik’uko tugenda twegereza nik’ Umurwanizi aturwanya cane./.
Refrain
Twihute cane rwose, twihutire gushika iy’ Iwacu; rab’ imisi, iter’ iba mibi twihangane tunyaruke ./.Turegereje, gushika no kubon’ ivyo twasezeranijwe./.
Couplet 2
Uhereye mbere hose, iy’Imana Yashaka gukor’ ikintu, Satani yahaguruka kukirwanya, ikagerageza kukirwanya cane ./.Ariko ntiyabishobora namba, kukw’ atawuzibir’ inzira y’Imana./.
Refrain
Twihute cane rwose, twihutire gushika iy’ Iwacu; rab’ imisi, iter’ iba mibi twihangane tunyaruke ./.Turegereje, gushika no kubon’ ivyo twasezeranijwe./.
Couplet 3
Yesu Kristo amaze kuvuka, Satani yahagurukije Herode, ngo yic’ abana bose b’ico gihugu, ariko ntawushobora kurwanya ./.No kuzibir’ ukugomba kw’Imana, kuko Yugurura ntihagir’ uwugara./.
Refrain
Twihute cane rwose, twihutire gushika iy’ Iwacu; rab’ imisi, iter’ iba mibi twihangane tunyaruke ./.Turegereje, gushika no kubon’ ivyo twasezeranijwe./.
Couplet 4
No mur’ iki gihe ca none, ah’ abana b’Imana twegereye Siyoni, Imana iriko Iradutegura, Satani yahagurutse n’abiwe ./.Ihaguruts’ ibinyoma hirya no hino, ngw’ igwany’ ukwitegura kw’ Umugeni./.
Refrain
Twihute cane rwose, twihutire gushika iy’ Iwacu; rab’ imisi, iter’ iba mibi twihangane tunyaruke ./.Turegereje, gushika no kubon’ ivyo twasezeranijwe./.
Couplet 5
Abavug’ ibinyoma barahagutse, amadini nay’ aba menshi cane, ivyo vyose Satan’ arabikora, ngw’ ashobore kurwanya abera ./.Ariko abana b’Imana Ihoraho, twarons’ ijambo ritegur’ umugeni./.
Refrain
Twihute cane rwose, twihutire gushika iy’ Iwacu; rab’ imisi, iter’ iba mibi twihangane tunyaruke ./.Turegereje, gushika no kubon’ ivyo twasezeranijwe./.
Couplet 6
Tugur’ uburyo tubugwiza, kuko iminsi itera iba mibi, dushikame mw’ Ijambo ry’Imana, kugira ngo twirind’ imyampi y’umubi ./.Twihute mur’ urugendo rwacu, kuko tugiye kubon’ Ivyasezeranijwe./.