Indirimbo Zikundwa Open in the app

#130

Ubwami bw’imana nzima

Umuco

Couplet 1

Ubwami bw’Imana nzima, n’Ubwami bwera cane; n’ubw’abera b’Ihoraho ./.Abera b’Iyera Isumba vyose Igirir’ubuntu uw’Ibugiriye./.

Refrain

Ubwo Bwami n’Ubwami bw’Uhoraho, abana baravuka muri bwo, bavug’ururimi rwo mur’ubwo Bwami, ntibasangiye ururimi n’ayandi mahanga, bufise ururimi rwabo, bukagira n’Umwami wabwo, hakaba n’abararwa babwo, ni bo bana b’Imana Ihoraho.

Couplet 2

Ubwami bw’Imana s’amajambo, n’Ubwami bw’ubushobozi, ubwami bw’Imana s’imigani ./.N’Ubwami budashobora kuringanizwa n’amahanga yose ya hano kw’isi./.

Refrain

Ubwo Bwami n’Ubwami bw’Uhoraho, abana baravuka muri bwo, bavug’ururimi rwo mur’ubwo Bwami, ntibasangiye ururimi n’ayandi mahanga, bufise ururimi rwabo, bukagira n’Umwami wabwo, hakaba n’abararwa babwo, ni bo bana b’Imana Ihoraho.

Couplet 3

Ururimi rwo mur’ubwo Bwami, n’ururimi rutigwa n’ubwenge, ntirwumvwa n’amatwi y’umubiri ./.Nta wushobora kurwigisha nta n’umwe kiretse gusa ababuvukiyemwo./.

Refrain

Ubwo Bwami n’Ubwami bw’Uhoraho, abana baravuka muri bwo, bavug’ururimi rwo mur’ubwo Bwami, ntibasangiye ururimi n’ayandi mahanga, bufise ururimi rwabo, bukagira n’Umwami wabwo, hakaba n’abararwa babwo, ni bo bana b’Imana Ihoraho.

Couplet 4

Ababuvukiyemwo ntibasaza, ababuvukiyemwo ntibapfa ababuvukiyemwo ntibarwara ./.N’amahoro iminsi yose mur ibo n’umunezero muri bose./.

Refrain

Ubwo Bwami n’Ubwami bw’Uhoraho, abana baravuka muri bwo, bavug’ururimi rwo mur’ubwo Bwami, ntibasangiye ururimi n’ayandi mahanga, bufise ururimi rwabo, bukagira n’Umwami wabwo, hakaba n’abararwa babwo, ni bo bana b’Imana Ihoraho.

Couplet 5

Ab’inyama n’amaraso ntibabuzi, kiretse ababuvukiyemwo, ntibubonwa n’amaso y’umubiri ./.N’Ubwami bwera bw’ubushobozi n’ubw’umuco waka haleluya./.