#113
Imisozi irahunga
Umuco
Couplet 1
Imisozi irahunga, intare zirahunga, ibigatanya biraneshwa, ibitandara bigasaduka, kubw’ Ihanga rihambaye n’Ihanga ry’Abera, rishigikiwe n’Uwanesheje.
Refrain
Raba n’Ihanga ry’Abera, ntirivanze n’ayandi mahanga, aho riciye bararibisa, abaryihanze rirabahitana, n’ihanga rihambaye cane, ryuzuy’ Ubwiza bw’ Uhoraho.
Couplet 2
Umuriro urahunga, ibiyaga vyicamwo kubiri, iminwa y’intare ikazibwa kubizeye Uhoraho, amadayimoni arahunga n’Ihanga ry’Abahizi rishigikiwe n’Uwanesheje.
Refrain
Raba n’Ihanga ry’Abera, ntirivanze n’ayandi mahanga, aho riciye bararibisa, abaryihanze rirabahitana, n’ihanga rihambaye cane, ryuzuy’ Ubwiza bw’ Uhoraho.
Couplet 3
Imiravyo iraravya, imituragaro igaturagara, isi igahinda agashitsi, abami bakadedemezwa, kubw’ Ihanga rihambaye, n’ihanga ritey’ ubwoba; rishigikiwe n’Uwanesheje.
Refrain
Raba n’Ihanga ry’Abera, ntirivanze n’ayandi mahanga, aho riciye bararibisa, abaryihanze rirabahitana, n’ihanga rihambaye cane, ryuzuy’ Ubwiza bw’ Uhoraho.
Couplet 4
Ewe hanga rihambaye, urahiriwe cane amaso yawe abona vyose abona n’ibitabonwa; wabujij’ isi amahoro ntawigeze akunesha, ushigikiwe n’Uwanesheje.
Refrain
Raba n’Ihanga ry’Abera, ntirivanze n’ayandi mahanga, aho riciye bararibisa, abaryihanze rirabahitana, n’ihanga rihambaye cane, ryuzuy’ Ubwiza bw’ Uhoraho.
Couplet 5
N’Ihanga rihambaye, nta bijora bivugwamwo, Umwami waryo n’agaheta, ryuzuy’ Umuco cane; ab’umwiza barahunga ntako nobiririmba, n’Ihanga ryiharije rwose.