#105
Es’ukuntu nifuza cane
Umuco
Couplet 1
Es’ukuntu nifuza cane, kuger’ iwacu mw’Ijuru; har’ Itunga ry’uburyo bwose, ahab’ Umwami Yesu Kristo.
Refrain
Nzoshikayo, nzoshikayo; iy’iwacu ku Mana, ku Murwa wera Siyoni, ku vyizigiro nzoshikayo.
Couplet 2
Es’ukuntu Siyoni yakaka, nk’ Ikiyaga gic’ Ibibatsi; Abahizi barahifuza, eka ntawutohifuza.
Refrain
Nzoshikayo, nzoshikayo; iy’iwacu ku Mana, ku Murwa wera Siyoni, ku vyizigiro nzoshikayo.
Couplet 3
Ewe Siyoni wakaka abera barakwifuje kuko baraguhishuriwe nanje nico nifuza gusa.
Refrain
Nzoshikayo, nzoshikayo; iy’iwacu ku Mana, ku Murwa wera Siyoni, ku vyizigiro nzoshikayo.
Couplet 4
Abana b’Imana ibihe vyose, bamerewe nabi aha kw’isi; kubwo gukunda Siyoni, ntibagiz’isoni narimwe.
Refrain
Nzoshikayo, nzoshikayo; iy’iwacu ku Mana, ku Murwa wera Siyoni, ku vyizigiro nzoshikayo.
Couplet 5
Nanje niyo nohamwa rwose, canke niyo notukwa hose; ico nizigiye ni kimwe, n’uko jewe nzoshikayo.
Refrain
Nzoshikayo, nzoshikayo; iy’iwacu ku Mana, ku Murwa wera Siyoni, ku vyizigiro nzoshikayo.
Couplet 6
Mwami Yesu je ndagusavye, umfashe mur’ uru Rugendo; maze umpe kwihangana, nze nshik’i Siyon’ Amahoro.