Indirimbo Zikundwa Open in the app

#386

Iki gihe turimwo kiragoye

Umuco 1

Couplet 1

Iki gihe turimwo kiragoye, Mu bihe vyagiye bibaho, Iki ni co gihe kigoye cane, Antikrist’ ariyorobeka cane, akazimiza abantu badasengera mu Kuri.

Refrain

Dusab’Imana yacu, Kugira ngw’Ijambo ryayo, Yaduhishuriye twebwe, Ribe muri twebwe rigwiriye, Kukw’ari ryo rizotuzamura.

Couplet 2

Iki gih’abasenga ni benshi cane, Amadini yabaye menshi, Satani ntabuz’abantu gusenga, Ababuza gusengera mu Kuri, Ukuri kw’Ijambo ry’Imana kandi, Rihishuwe.

Refrain

Dusab’Imana yacu, Kugira ngw’Ijambo ryayo, Yaduhishuriye twebwe, Ribe muri twebwe rigwiriye, Kukw’ari ryo rizotuzamura.

Couplet 3

Iki gih’Umwami wacu Yesu Kristo, Yarakibony’akiri kw’isi, N’amaso y’Umuhanuzi Mukuru, Aravuga ko kizoba kigoye At’iyaba vyoshoboka n’abatoranijwe, bozimiye.

Refrain

Dusab’Imana yacu, Kugira ngw’Ijambo ryayo, Yaduhishuriye twebwe, Ribe muri twebwe rigwiriye, Kukw’ari ryo rizotuzamura.

Couplet 4

Tweho turahimbaz’Imana yacu, Yo yatumenye kuva kera, Mu gihe gikwiy’ iratwihishurira, Umuco way’uratumurikira Tuva mu butamenya twinjira, mu Bwami bw’Imana.

Refrain

Dusab’Imana yacu, Kugira ngw’Ijambo ryayo, Yaduhishuriye twebwe, Ribe muri twebwe rigwiriye, Kukw’ari ryo rizotuzamura.

Couplet 5

Mpwemu Yera ni We aturongora, Mur’iki gihe kigoye cane, Ni We yitwararik’ihanga ry’Imana, Akaryikundiriz’apfuha cane, Tukabasha gusengera muri, Mpwemu no mu kuri.