Indirimbo Zikundwa Open in the app

#387

Ukugaruka kw’umwami

Umuco 1

Couplet 1

Ukugaruka kw’Umwami kuregereje Ubuhanuzi buriko burashika, Amabanga yahishijwe yarahi-shuwe Ukugaruka kw’Umwami kuregereje.

Refrain

Nta gihe gisigaye, nta gihe gisigaye, Umwami wacu Yesu agiye kugaruka {Twikangure, twikangurire mw’Ijambo ryiwe, Ni Ryo rizodutunganya.} x2

Couplet 2

Turi ku rugamba rw’igihe c’iherezo, Ntidusinzikazwe n’ivyo mur’iyi si, Tuzonesha ku bw’ubushobozi bw’Ijambo, Duhagarikiwe n’Umunyenkomezi.

Refrain

Nta gihe gisigaye, nta gihe gisigaye, Umwami wacu Yesu agiye kugaruka {Twikangure, twikangurire mw’Ijambo ryiwe, Ni Ryo rizodutunganya.} x2

Couplet 3

Ijambo ry’Umukwe niryo rib’integuza Umwami wacu na W’arasemerera, Twikangure twambar’inkomezi z’Ijambo Ukugaruka kw’Umwami kuregereje.

Refrain

Nta gihe gisigaye, nta gihe gisigaye, Umwami wacu Yesu agiye kugaruka {Twikangure, twikangurire mw’Ijambo ryiwe, Ni Ryo rizodutunganya.} x2

Couplet 4

Inkuru nziza z’Ubwami bw’imana yacu, Zitwereka kw’ibihe bikuze cane, Ibimenyetso vy’ibihe vyihuta vuba, Turangamize mw’Ijuru ku Mana Nzima.