Indirimbo Zikundwa Open in the app

#385

Amarushwa y’umugororotsi

Umuco 1

Couplet 1

Amarushwa y’umugororotsi, N’ubuki butemba mu kanwa k’Imana, N’ubukene bw’umwana w’Imana, N’amata aryoshe Imana inywa, ikanezerwa.

Refrain

Twishime mu mitima kukw’ Imana ar’Urukundo, Tunezerwe cane, kuko natwe, twarabonye Inzira y’ukuri.

Couplet 2

Abo Imana yahamagara, Yabatungany’ ikoreshej’ amarushwa, Bigatuma batamenywa n’isi, Imana yo ibabonye ikabanezerererwa.

Refrain

{Dukenyez’ukwicisha bugufi, Tugendere mu kwizera, Irembo ry’ijuru riruguruye, Kw’iherezo ry’ibiruhije.} x2

Couplet 3

Iyo turirimba amarushwa, Ntimugire ngo bifatanye n’ubukene Kukw’inzira y’amarushwa niyo, Imana yemeye ngw’abayo bayicemo, bishimye.

Refrain

{Dukenyez’ukwicisha bugufi, Tugendere mu kwizera, Irembo ry’ijuru riruguruye, Kw’iherezo ry’ibiruhije.} x2

Couplet 4

Natwe Shengero ry’Imana Nzima, Imana yashimye ko iyo ituber’inzira, Duhimbarwe twiyumanganye mu vyago Tuzoruhukira mw’Ijuru ubutakibabara.

Refrain

{Dukenyez’ukwicisha bugufi, Tugendere mu kwizera, Irembo ry’ijuru riruguruye, Kw’iherezo ry’ibiruhije.} x2