Indirimbo Zikundwa Open in the app

#384

Har’imisozi iruhije

Umuco 1

Couplet 1

Har’imisozi iruhije cane, Ku bw’ishaka tuyizamuke, Satani yimb’ibinogo mu nzira, Abera ngo tubigwemwo.

Refrain

{Muze tubineshesh’ukwirinda, Dusab’Umwam’atuyobore, Bana b’Imana dufatane mu nda, Imisozi tuyizamuke.} x2

Couplet 2

Iyo nzira yaga kand’iruhije, Ica mw’irembo rifunganye, Inzira yagutse kandi yoroshe, Na y’ijana mu mahonero.

Refrain

{Abansi b’Umwami n’umusaraba, Bo bagenda bajandajanda, Inzir’ijana mu Bwami bwa Yesu, Abera ni bo bayicamwo.} x2

Couplet 3

Mur’iyo nzir’intare ziraziritse, Ngenzi, ntizibater’ubwoba, Amabingira y’iyi si atontomye, Tumenye ko dushigikiwe.

Refrain

{Yemwe ngenzi, rema mu mitima! Yesu yaraneshej’ikuzimu, Bitayeko yaratsinze n’urupfu, Umwansi w’abizera bose.} x2

Couplet 4

Igihugu twamaze kugitata, Dusanga ko gic’ibibatsi, Twasanze harimwo n’ivyamwa vyiza, Hamwe n’inzuzi z’ubugingo.

Refrain

{Yesu Kristo ni We Mwami waco, Mbere ni na We bwiza bwaco, Abizera batavug’inkuru mbi, Bo nyene bazocinjiramwo.} x2

Couplet 5

Tumwizigir’Uhoraho wenyene, Ntaziger’aduhemukira, Teg’ugutwi abavugishwa na We, Nta handi harih’agakiza.

Refrain

{Tuzorya butsim’ibigatanya, Kuko twubatse ku rutare, Tuzegukir’amarembo y’abansi, Uhorah’aduh’amahoro.} x2

Couplet 6

Tubere maso ubugingo bwacu, Yes’ari hafi kugaruka, Tuzirikir’imitima k’Uhoraho, Igihe duca mur’iyi si.

Refrain

{Dukenyez’ukwicisha bugufi, Tugendere mu kwizera, Irembo ry’ijuru riruguruye, Kw’iherezo ry’ibiruhije.} x2