Indirimbo Zikundwa Open in the app

#379

Umutima wanje kera

Umuco 1

Couplet 1

Umutima wanje kera warinangiye cane, Nanka kwumvir’impanuro, Ijambo rishikiriza, Amarira yari menshi, Nta muhoza nari mfise, Nkeraguza ku misozi, Nt’ugutabarwa kuva he?

Refrain

Umutima wanje none, Wuzuy’akaneza kenshi, Uririmb’ubudasiba, Imbabazi n’ishimwe.

Couplet 2

Maz’umubabar’uraza, Ndaran’agahinda kenshi, Ngasuhuz’umutima wanje, Nkaganya nkihebura, Umukiza mwiz’abibonye, Ac’araz’aranyegera, Arambwir’ati: “Mwananje, Gumy’ivyo ndakuger’ubu”.

Refrain

Umutima wanje none, Wuzuy’akaneza kenshi, Uririmb’ubudasiba, Imbabazi n’ishimwe.

Couplet 3

“Mwana wanje ndakwinginze, N’ugumye Ijambo ryanje, N’umutima wawe wose, Ntukaryirengagize, Ntukigir’umunyabwenge, Imbere y’amaso yawe, Yamar’utiny’Uhoraho, Kukw’ab’ahirengereye “

Refrain

Umutima wanje none, Wuzuy’akaneza kenshi, Uririmb’ubudasiba, Imbabazi n’ishimwe.

Couplet 4

Nanje nishur’uwo Mukiza, Nt’ “Ego Mwami ndizeye” Na W’ac’aranjabuts’inzuzi, Anshikana mu rugo, Non’ ubu n’impore rwose, Nta gahinda ngifise, Ahar’amaganya menshi, Haj’Umwami n’ishimwe.

Refrain

Umutima wanje none, Wuzuy’akaneza kenshi, Uririmb’ubudasiba, Imbabazi n’ishimwe.