#380
Dukwiriye kwama duseng’imana
Umuco 1
Couplet 1
Dukwiriye kwama duseng’Imana, Tuyisabe kugir’idufashe, Tuze dushobore guca mur’iyi si, Tugororoka, naho yuzuyemwo ibibi N’umwiza mwinshi cane.
Refrain
Twizer’Imana, twizere, n’abavugishwa, na Yo, Tubone kunesha. Ntitwanduzw’ imitima, N’ivyo tubona mur’iki gihe cacu, {Tube agahore, nk’ uko, Dat’ Imana na We Ari.} x2
Couplet 2
Twirinde cane uburyo tugenda, Ivyo tuvuga n’ivyo dukora, Bikwiriye kuba ari ibihesh’Imana, Icubahiro, kuko yatugiriy’Ubuntu, N’imbabazi zitangaje.
Refrain
Twizer’Imana, twizere, n’abavugishwa, na Yo, Tubone kunesha. Ntitwanduzw’ imitima, N’ivyo tubona mur’iki gihe cacu, {Tube agahore, nk’ uko, Dat’ Imana na We Ari.} x2
Couplet 3
Imitima yacu ntikwiye kugira, Ubwoba canke ngo twihebure, N’aho mw’isi duhura n’ingorane, Twizer’Imana na We tumwizere, Ni k’Umwami Yesu Kristo yabivuze.
Refrain
Twizer’Imana, twizere, n’abavugishwa, na Yo, Tubone kunesha. Ntitwanduzw’ imitima, N’ivyo tubona mur’iki gihe cacu, {Tube agahore, nk’ uko, Dat’ Imana na We Ari.} x2
Couplet 4
Ugusenga kwacu gukwiriye kuba, Ukw’Imana yo nyene yemera, Kuko na Satani atanka abasenga, Ariko yanka rwose abasengera, Mu Mpwemu no mu Kuri kw’Ijambo.
Refrain
Twizer’Imana, twizere, n’abavugishwa, na Yo, Tubone kunesha. Ntitwanduzw’ imitima, N’ivyo tubona mur’iki gihe cacu, {Tube agahore, nk’ uko, Dat’ Imana na We Ari.} x2
Couplet 5
Tugwanire kuguma mu kwizera, Yemwe bene Data bakundwa, Kandi dusabe twame duhishurirwa Ukugomba kw’Imana tuzotahe ubukwe, Bw’Umwagazi w’intama w’Imana.