Indirimbo Zikundwa Open in the app

#377

Ukwizera n’ukumenya..

Umuco 1

Couplet 1

Ukwizera n’ukumenya rwos’ivyizigirwa, Maze ntukekeranye ngo ntibizoba, Kandi ni kwo kuduha gukomez’inzira Tukagendana n’Iman’Ihoraho.

Refrain

Tugwanir’ibir’imbere turek’ivy’inyuma Ducakir’ukwizera kw’Imana Nzima, Maz’iyi si n’ivyayo tubisig’inyuma, Twiyegerere Yesu dutunganye.

Couplet 2

Ibuye abubatsi bari baragaye, Ni Ryo ryacits’irigumya imfuruka, Ariko rero twebwe turi mu bizera, Ubugingo bw’i wacu bugakira.

Refrain

Tugwanir’ibir’imbere turek’ivy’inyuma Ducakir’ukwizera kw’Imana Nzima, Maz’iyi si n’ivyayo tubisig’inyuma, Twiyegerere Yesu dutunganye.

Couplet 3

None rero ko dufise isezerano Ryo kwinjira mu Bwami buhoraho, Tumweger’Umukiza tudatsinzwe, Dufise n’amatazirano mu mitima.

Refrain

Tugwanir’ibir’imbere turek’ivy’inyuma Ducakir’ukwizera kw’Imana Nzima, Maz’iyi si n’ivyayo tubisig’inyuma, Twiyegerere Yesu dutunganye.

Couplet 4

Ko turorey’igihugu c’Aburahamu, N’abahizi bose baneshej’iyi si, Twiyambur’imyanda n’ububi busigaye, Twakiran’ubugwanez’Ijambo, ry’Imana.

Refrain

Tugwanir’ibir’imbere turek’ivy’inyuma Ducakir’ukwizera kw’Imana Nzima, Maz’iyi si n’ivyayo tubisig’inyuma, Twiyegerere Yesu dutunganye.

Couplet 5

Mumenye ko tur’Ishengero ry’Umukiza, Rigizwe n’ahana b’imfura b’ijuru, Hakaba n’umuhuza n’umucamanz’umwe, Nuko rero twirind’uko tugenda.

Refrain

Tugwanir’ibir’imbere turek’ivy’inyuma Ducakir’ukwizera kw’Imana Nzima, Maz’iyi si n’ivyayo tubisig’inyuma, Twiyegerere Yesu dutunganye.

Couplet 6

Nta kindi twovuga yemwe kirengerey’ivyo, Kuk’ukwizera kwacu kuzonesha, Uwatanguy’igikorwa n’Umwami Yesu, Kandi ni na W’azogiheraheza.