Indirimbo Zikundwa Open in the app

#376

N’umugwa wera w’imana

Umuco 1

Couplet 1

N’umugwa Wera w’Imana wubatswe na Yesu, Mbeg’Ubuntu twagiriwe kuba mu mugwa, Twubakiwe n’Iman’Ihoraho, Kandi ni ho har’amazu yacu.

Refrain

Mbon’Umugwa w’Abera, Mbon’Umugwa wa Yesu, Mbon’umugwa mwiz’ukayangana cane, Ni ho tuziber’iteka.

Couplet 2

Ku bw’uwo mugw’Abera benshi barahevye vyose, Ku bw’uwo mugwa benshi bemeye kwicwa, Ku bw’uwo mugwa duheba vyose, Kuko ari ho har’amazu yacu.

Refrain

Mbon’Umugwa w’Abera, Mbon’Umugwa wa Yesu, Mbon’umugwa mwiz’ukayangana cane, Ni ho tuziber’iteka.

Couplet 3

Tuzobon’abo tutigeze kubonesh’amaso Tuzogir’umunezero mwinshi cane, N’umunezero urushirije, N’ivy’amas’ atigeze kubona.

Refrain

Mbon’Umugwa w’Abera, Mbon’Umugwa wa Yesu, Mbon’umugwa mwiz’ukayangana cane, Ni ho tuziber’iteka.

Couplet 4

Ku bw’uwo mugwa nzokwemera guheba vyose, Nzokundisha bene Data uwo mugwa, Kukw’ari wo bukiriro bwacu, Kand’ari ho har’amazu yacu.

Refrain

Mbon’Umugwa w’Abera, Mbon’Umugwa wa Yesu, Mbon’umugwa mwiz’ukayangana cane, Ni ho tuziber’iteka.

Couplet 5

Tuzobana na Yesu, tuzobana na Abeli, Tuzobana na Daniyeli na Eliya, N’Abera bose basinziriye, N’ivy’amas’atigeze kubona.

Refrain

Mbon’Umugwa w’Abera, Mbon’Umugwa wa Yesu, Mbon’umugwa mwiz’ukayangana cane, Ni ho tuziber’iteka.

Couplet 6

Mwami, twe Shengero uduhe kugirirw’Ubuntu, Kugira dushobore kuzoshikira, Ivyo vyiza uduhishurira, Mwam’iryo niryo sengesho ryacu.