Indirimbo Zikundwa Open in the app

#367

Ni kuki Imana yamy’isezerana?

Umuco 1

Couplet 1

Ni kuki Imana yamyisezerana, Kuva kera cane, {K’uruvyaro rw’umugore, Ruzohonyora urwa ya nzoka?} x2

Refrain

Ivyo vyari mu migabo y’Imana, Ngw’izodupfire ku musaraba, Yerekane rwa Rukundo, Abana bayo turonk’Intsinzi.

Couplet 2

Ni kuki Sara nawe yagiye kuvyara Yaraciy’imvyaro? {N’inkumi nayo itwar’inda, Itigeze imeny’ umugabo?} x2

Refrain

N’uko yari ya nzira y’Imana, Nk’uko vyari vyarasezeranywe, Uhoraho yambar’umubiri, Ngw’aducungure ivyaha vyacu.

Couplet 3

Ni kuki kuri wa musi wa Pentekote, Haciye haboneka, {Ubushobozi bwa Mpwemu Yera, Nk’uko vyari vyarasezeranywe?} x2

Refrain

Mpwemu Yera yaratanzwe n’Imana, Ngw’arongore Ishengero ryiwe, Kugira ngo rigendere, Mu muco w’Ijambo ryayo.

Couplet 4

Mbe ni kuki mur’iki gihe umuco w’Ijambo Waj’userura vyose? {Kuko n’ivyari vyaranyegejwe, Vyahishuriwe Umugeni wa Yesu.} x2

Refrain

Ivyo vyari mu migabo y’Imana, Ngw’izodupfire ku musaraba, Yerekane rwa rukundo, Abana bayo turonk’intsinzi.