Indirimbo Zikundwa Open in the app

#368

Inzira y’umusaraba

Umuco 1

Refrain

[Trad. en Fr., voir Cant. N° 483]

Couplet 1

Inzira y’umusaraba, Bene Data ntiyoroshe, Benshi cane barayirondera, Ariko bake nibo bayibona.

Refrain

Iyo nzira y’umusaraba, Ni yo turimwo ku bw’Umwami, Tunezerwe, twihangane, Nk’uk’Umwami na We yihanganye.

Couplet 2

Inzira y’umusaraba, Ntitwoyiguza n’ivy’isi, Twihangane mu mitima, Nk’uk’Umwami na We yihanganye.

Refrain

Iyo nzira y’umusaraba, Ni yo turimwo ku bw’Umwami, Tunezerwe, twihangane, Nk’uk’Umwami na We yihanganye.

Couplet 3

Bihimbar’Umwami wacu, Ko twe tuba abaruhijwe, Ni yo nzira, tunezerwe, Tuzoruhuka ni twashikayo.

Refrain

Iyo nzira y’umusaraba, Ni yo turimwo ku bw’Umwami, Tunezerwe, twihangane, Nk’uk’Umwami na We yihanganye.

Couplet 4

Turafise ivyabona, Vyatwitangiye imbere, Tunezerwe duhimbarwe, Kuko natwe tumeze nka bo.

Refrain

Iyo nzira y’umusaraba, Ni yo turimwo ku bw’Umwami, Tunezerwe, twihangane, Nk’uk’Umwami na We yihanganye.

Couplet 5

Ntitubabazwe n’imiruho, Ducamwo turi hano kw’isi, Igihe kigiye gushika, Tuzoruhuk’umusaraba.